Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 15 Muk.
“Abantu benshi baramaze kubona ko abantu basigaye barushiriza kwigunga. Woba wibaza ko iyo ari ingendo iranga ubukerebutsi? [Rindira yishure.] Raba aya majambo aranga ubukerebutsi yerekana agaciro ko kwifatanya n’abandi [Soma Umusiguzi 4:9, 10.]. Iki kinyamakuru kiravuga igituma twese dukeneye abandi be n’ukuntu ingorane yo kwigunga ishobora gutorerwa umuti”.
Réveillez-vous! 22 Muk.
“Abantu benshi barahagaritse umutima kubera yuko amashusho n’amasanamu vyerekana ubushegabo akwiragiye hose. Woba wibaza ko ivyo bikwiye kuraza abantu ishinga? [Rindira yishure.] Impanuro ngirakamaro dusanga muri Bibiliya irashobora kudukingira. [Soma Abanyefeso 5:3, 4.] Iki kinyamakuru kirerekana ingene dushobora kwikingira ako kaga kagenda konona buhorobuhoro”.
Umunara w’Inderetsi 1 Myand.
“Woba wari uzi ko raporo imwe yavuze yuko abarenga ica kabiri c’ababa kw’isi batungwa n’amahera ari munsi ya 2.000 ku musi? Woba wibaza ko hari icokorwa kugira ngo ivyo bitorerwe umuti? [Rindira yishure.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi irerekana umuti ruhasha w’ubukene nk’uko vyerekanwa muri Bibiliya”.—Soma Zaburi 72:12, 13, 16.
Réveillez-vous! 8 Myand.
“Muri iyi myaka ya vuba, ivyago biva kw’ihindagurika ry’ikirere vyaratikije ibintu hirya no hino kw’isi. Wibaza ko abantu bashobora gukora iki kugira bagabanye imibabaro iterwa n’ivyo vyago? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirihweza iyo ngorane yerekeye ihindagurika ry’ikirere be n’umuti Bibiliya itanga”.—Soma Yesaya 35:1.