Nukoreshe ca gitabu Senga Imana mu kurongora inyigisho za Bibiliya
Igitabu Senga Imana Yonyene y’Ukuri kigenewe gufasha abashasha gutera imbere mu kuri no gutsimbataza ugukenguruka bafitiye Yehova n’ishirahamwe ryiwe. Kirashobora gukoreshwa mu gufasha abigishwa ba Bibiliya kikaba igitabu co kwiga kigira kabiri. Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ruheshi 2000, urupapuro rwa 4 casiguye giti: “Nimba vyigaragaza yuko umuntu ariko aragira iterambere, naho nyene yoba arigira bukebuke, kandi akaba ariko aratsimbataza ugukenguruka ivyo ariko ariga, nimubandanye rero iyo nyigisho ya Bibiliya mu gitabu kigira kabiri mumaze guheza agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? be n’igitabu Ubumenyi. . . . Kuri bose, hazobanza kwigwa agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? n’igitabu Ubumenyi. Inyigisho ya Bibiliya, amasubirayo hamwe n’umwanya tumara mu kubandanya iyo nyigisho, birakwiye guharurwa kandi bigatangwako raporo, no mu gihe umutohoji yobatizwa imbere yuko aheraheza igitabu ca kabiri.”
Ni nde wundi ashobora kwungukira ku kwiga Bibiliya mu gitabu Senga Imana? Ico kiganiro nyene kirabandanya giti: “Asangwa uzi bamwebamwe mu bize [agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? n’]igitabu Ubumenyi muri kahise ariko batigeze batera imbere gushika ku kwiyegura no kw’ibatisimu, kumbure woshobora kwibwiriza kuraba nimba boshima kubandanya inyigisho yabo ya Bibiliya.” Nimuze tugire akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho n’abantu nk’abo mu gitabu Senga Imana muri Ndamukiza.