ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/03 rup. 5
  • Turakwinginze ubagendere udatebaganye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Turakwinginze ubagendere udatebaganye
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • Nugire ico ukoze udatebaganye
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Igice ca 11: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Inyishu ku bibazo vyanyu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Bafashe basubire kubwirwa ubutumwa
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 12/03 rup. 5

Turakwinginze ubagendere udatebaganye

Uti ngendere bande ntatebaganye? Abasaba ibisohokayandikiro canke ibinyamakuru vyama bisohoka canke abipfuza kugenderwa n’Icabona i muhira iwabo. None baba babisavye gute? Baba bituye ibiro vy’ishami bakoresheje amakete canke telefone canke babicishije kuri wa muhora wacu wemewe n’amategeko wo kuri Internet. Igihe hari abantu bagaragaje mwene ukwo gushimishwa, ibiro vy’ishami birabimenyesha ishengero ryakebewe icibare nya bantu babamwo bikoresheje ya fomu S-70, iyo na yo akaba ari agakaratasi kavuga ngo “Turabinginze muringanize ivy’uko umwamamaji abishoboye agendera uyu muntu”. Igihe abakurambere baronse iyo fomu S-70, bakwiye guca bayiha umwamamaji azokurikirana ashirutse ubute uwo muntu yashimishijwe. Nimba uwo mwamamaji afise ingorane yo kudasanga uwo muntu i muhira, nya mwamamaji yoshobora kugerageza kuvugana na we akoresheje telefone canke abigiranye ubugenge akamusigira agakete i muhira. Nimba usabwe kugendera umuntu nk’uyo, turakwinginze ukore uko ushoboye kwose ubonane n’uwo muntu yashimishijwe udatebaganye.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika