Niwiyubare cane ku kuntu ukoresha umwanya wawe
1. Ni ingorane iyihe ihanze abantu bo mu mihingo yose?
1 Muri iki gihe aho usanga hari ivyuma vyinshi bigabanya umwanya n’inguvu abantu bokoresheje, benshi basanga basa n’abafise ibintu vyinshi bakora yamara bakagira umwanya muto wo kubikora. Woba ubona bitakworohera gukurikiza urutonde rwiza rw’ibikorwa vyo mu vy’impwemu? Woba uvuga ngo ese iyo mba naronka umwanya wiyongereye wo kurangura ubusuku? Dushobora gute gukoresha neza umwanya wacu?—Zab. 90:12; Flp. 1:9-11.
2, 3. Ni ingorane iyihe iterwa n’ubuhinga mu vyo gutumatumanako amakuru, kandi umwe wese akwiye kwisuzuma gute?
2 Numenye ibitesha umwanya: Twese turakwiye rimwe na rimwe gusuzuma ingene dukoresha umwanya wacu. Bibiliya ihimiriza iti: “Mwirinde cane uburyo mugenda, mwoye kugenda nk’imburabgenge, ariko mugende nk’abanyabgenge, [“mwicungurira umwanya ubereye”, NW], kukw imisi ari mibi” (Ef. 5:15, 16). Rimbura ingorane ziterwa n’iterambere mu vy’ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru. Naho ata kibi kiri mu gukoresha orodinateri be n’ibindi vyuma vya elegitoronike, birashobora kuba umutego mu gihe tutokwiyubara cane ku kuntu dukoresha umwanya wacu.—1 Kor. 7:29, 31.
3 Umwe wese muri twebwe akwiye kwibaza ati: ‘Noba imisi yose mara umwanya ndiko ndasoma canke nishura amakete arungikwa biciye kuri orodinateri, ata kindi amarira atari ukuntesha umwanya? Noba kenshi mvugana n’abantu kuri telefone canke ndungika amakuru kuri orodinateri ku bintu ata co bivuze (1 Tim. 5:13)? Noba nsanga ndiko ndanyuragira mu mihora ya Internet ata kintu gitomoye ndiko ndarondera, canke nza ndahindagura ata mvo imirongo ya televiziyo igihe mba ndiko ndayiraba? Gutwarwa n’udukino two kuri orodinateri, vyoba bitanguye kuntwara umwanya nari gukoresha mu kwiga Ijambo ry’Imana?’. Ivyo bikorwa vyoshobora ku mayeri kutwonona mu vy’impwemu.—Imig. 12:11.
4. Ni ibintu nyabaki uwukiri muto umwe yahinduye, kandi kubera iki?
4 Gukoresha umwanya ubigiranye ubukerebutsi: Ivyuma vya elegitoronike bisa n’ibigomba kudutwara umwanya n’ivyiyumviro. Uwukiri muto umwe yari yaratwawe cane n’udukino two kuri orodinateri yiyemereye ati: “Rimwe na rimwe, igihe naba nakinye imbere yo kuja mu busuku canke imbere yo kuja kw’ikoraniro rya gikirisu, vyarangora cane kugumiza ivyiyumviro hamwe. Naguma niyumvira ingene ninataha nza gukenyura mu rukino kanaka. Ukwiyigisha be n’urutonde rwanje rwo gusoma Bibiliya ubudahorereza vyarahasinzikariye. Umunezero nari mfise mu gusukurira Imana watanguye kugabanuka”. Amaze gutahura ko akeneye kugira ivyo ahinduye, yarahanaguye udukino twose yari afise kuri orodinateri. Yibuka ibi: “Vy’ukuri ico nticari ikintu coroshe. Urukino rwari rwarantwaye kuruta uko navyiyumvira. Ariko kandi narumvise ko natsinze urugamba rukomeye kubera yuko nari nzi ko ivyo nabigize ku neza yanje”.—Mat. 5:29, 30.
5. Dushobora gute gucungura umwanya wo kurangura ibintu vy’impwemu, kandi kubigira bitwungura gute?
5 Vyoshobora kuba bikenewe ko ufata ingingo nk’izo mu gihe hoba hari imice ukeneye kugiramwo ivyo uhinduye. Woba ushobora gukura inusu y’isaha ku mwanya umara ukora ibikorwa bidakenewe? Uwo ni nka wo mwanya ukenewe kugira ngo usome Bibiliya yose mu mwaka umwe. Ese ingene ivyo vyokuzanira ivyiza mu buryo bw’impwemu (Zab. 19:7-11; 119:97-100)! Nushinge umwanya ntabanduka wo gusoma Bibiliya, uwo gutegura amakoraniro n’uwo kuja mu busuku bwo mu ndimiro (1 Kor. 15:58). Ivyo ubigize bizogufasha kuguma ucungera ibintu bitesha umwanya vyongere bigufashe ‘gutahura ivyo Yehova agomba ivyo ari vyo’.—Ef. 5:17.