“Dushirane hejuru izina ryiwe”
1. Ni akaryo akahe tuzoronka ko gushirana hejuru izina ry’Imana, kandi twokora iki ubu kugira twitegure?
1 “Ni muhimbazanye nanje Uhoraho, dushirane hejuru izina ryiwe”. Ukwo ni ko umwanditsi wa Zaburi yaririmvye (Zab. 34:3). Ihwaniro ryacu ry’Intara ryimirije ryataziriwe ngo “Gendana n’Imana”, rizoturonsa akaryo ko gushira hejuru izina rya Yehova turi kumwe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu bavuye mu mashengero atari make. Woba umaze kugira ivyo utunganije ku bijanye n’uburaro, ukwiyunguruza be n’ugusaba ikonji ku kazi? Ni vyiza ko twitwararika ivyo bintu imbere y’igihe.—Imig. 21:5.
2. Ni kubera iki ari ngirakamaro gutegekanya gushika mu kibanza c’ihwaniro hakiri kare?
2 Gushika ahabera ihwaniro: Hariho ibintu vyinshi dukenera kwitwararika igihe twitaba ihwaniro. Kuzinduka bizodufasha gutunganya ibintu vyoducereza tutari tuvyiteze, kandi bizotuma dufata ivyicaro ku gihe kugira ngo twifatanye n’abandi n’umutima wacu wose mu ruririmbo no mw’isengesho vy’intango (Zab. 69:30). Hagisigaye iminuta mikeyi ngo ikiringo gitangure, umuhagarikizi azoba yicaye ku mukiruruko mu gihe umuziki w’Ubwami wugurura uba uriko uravuga. Ico gihe twese dukwiye kuba twicaye kugira ngo porogarama ishobore gutangura mu buryo buri ku rutonde.—1 Kor. 14:33, 40.
3. Dushobora gute kwerekana ko twubahiriza abandi igihe turondera aho twicara?
3 Ijambo ry’Imana riduhimiriza ‘gukora vyose tubikoranye urukundo’ (1 Kor. 16:14). Igihe buguruye imiryango isaha 2 zo mu gitondo, ukwubahiriza abandi kuzotuma tutirukanga, tudahenagurana, tudasitana canke ngo dusunikane kugira turonke ibibanza dushaka abandi batarabidutanga. Ibibanza bikwiye kubikirwa gusa abo mwafatanije urugendo mu muduga canke abo mu bana mu nzu.—1 Kor. 13:5; Flp. 2:4.
4. Ni ibiki vyatunganijwe ku bijanye n’akaruhuko ka sasita, kandi ni kubera iki ivyo ari ngirakamaro?
4 Turagusavye uzoze witekereye impamba kugira ngo ntuve mu kibanza c’ihwaniro ngo ugiye kurondera ibifungurwa mu gihe c’akaruhuko ka sasita. Ivyo bizotuma bose binovora ibiyago vyubaka bongere babe ari ho bari ikiringo co ku muhingamo kigitangura. Ntibirekuwe kuzana mu kibanza c’ihwaniro ibikanyisho bininibinini birimwo imfungurwa z’umuryango bikoreshwa mu gihe co kuja gusama akayaga, amacupa ameneka be n’ibinyobwa biboreza.
5. Ni indinganizo iyihe yagizwe ku bw’abatumva neza?
5 Abatumva neza bakwiye kubimenyesha abajejwe gutunganya ivy’ihwaniro imbere y’igihe, kugira ngo hatunganywe ivy’uko bicara mu kibanza kibereye.
6. Dushobora gute gutegura imitima yacu ku bw’inyigisho tuzoronka?
6 Amazimano yo mu vy’impwemu araturindiriye: Umwami Yehoshafati yari umuntu yari ‘yarateguriye umutima wiwe kurondera Imana’ (2 Ngo. 19:3). Dushobora gute gutegura umutima wacu imbere y’uko ihwaniro riba? Ibiganiro biri ku bipfukisho inyuma mu nomero ya Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Rusama be n’iyo ku wa 8 Ruheshi, birerekana imbere y’igihe ukuntu ayo mazimano yo mu vy’impwemu azoba ameze. Ni kubera iki none utofata akanya ngo uzirikane kuri ivyo biganiro, bigatuma urushiriza kurindirana igishika ivyo Yehova atubikiye? Gutegura umutima wacu birimwo no gusaba Yehova ngo adufashe gutahura intumbero y’inyigisho tuzoronka be no kuzishira mu ngiro.—Zab. 25:4, 5.
7. Icipfuzo cacu ni ikihe, kandi kubera iki?
7 Twese turipfuza cane kwiga vyinshi mw’Ijambo ry’Imana, kubera dutahura yuko biciye kuri ryo dushobora gukura tugashika ku bukiriro (1 Pet. 2:2). Ku bw’ivyo, nimuze rero ntituze dutangwe kw’Ihwaniro ryacu ry’Intara ryataziriwe ngo “Gendana n’Imana” maze “dushirane hejuru izina ry[a Yehova]”.—Zab. 34:3.
[Box on page 3]
Uburyo bwo gushira hejuru izina ry’Imana
◼ Tegekanya ibintu imbere y’igihe
◼ Garagariza urukundo abandi
◼ Tegura umutima wawe