ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/04 rup. 5
  • Mube abera mu ngeso zanyu zose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Mube abera mu ngeso zanyu zose
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ivyo bijanye
  • “Mugumane ingeso nziza mu mahanga”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Imisi itatu y’ukuruhurirwa mu vy’impwemu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Tugume twiteze Yehova
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Tube icitegererezo c’ibikorwa vyiza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 6/04 rup. 5

Mube abera mu ngeso zanyu zose

1. Ni kubera iki bihambaye ko tuba abera mu ngeso zacu zose?

1 Kubera yuko turi abasavyi ba ya Mana nyeranda Yehova, turihatira kuba abera mu ngeso zacu zose (1 Pet. 1:15, 16). Ivyo bisobanura yuko twinanata kugira dushigikire ingingo mfatirwako za Yehova mu mice yose y’ubuzima bwacu. Ihwaniro ry’intara ryo muri uyu mwaka rizoturonsa akaryo kadasanzwe ko kwerekana ingeso zera.

2. Twokwerekana gute ingeso nziza igihe turi mu mahoteli?

2 Mu mahoteli no mu mazu y’uburaro: Uwuhagarikiye ihoteli imwe yakoreshejwe n’abaje kw’ihwaniro mu mwaka uheze yavuze ati: “Ivyabona vya Yehova bari abantu beza bo kwakira. . . . Abantu bameze nkamwe ni bo twipfuza”. Kwubahiriza ibintu bikurikira twibukijwe, bizodufasha kugumana izina ryiza: (1) Ntubikishe ivyumba birenze ivyo uzokenera vy’ukuri, kandi nturaze mu cumba cawe abantu barenze abemerewe kukiraramwo. (2) Nimba utegerezwa guheba icumba wari wabikishije, nubimenyeshe ihoteli ubwo nyene. (3) Nusenyere ku mugozi umwe n’abahagarikiye ihoteli. (4) Ntutekere aho bitarekuwe kandi ugumize mu muzirikanyi ibintu vyoshobora gutuma haba impanuka y’umuriro. (5) Nusige usukuye aho urara. (6) Nugaragaze ivyamwa vy’impwemu mu vyo ukorana n’abakozi baho, canecane mu bihe haba hari ibikorwa vyinshi vyo kwakira abinjira no gusuzuma abasohoka.—Gal. 5:22, 23.

3. Ukuntu Ivyabona bakiri bato bigenza gushobora gute gutangaza abandi?

3 Urupfasoni tugaragaza rurashobora gushinga intahe ikomeye. Mu mwaka uheze, hari umusore w’Icabona yasavye n’urupfasoni udupapuro n’ikaramu umukenyezi yakira abantu kw’ihoteli, hanyuma uwo musore aca aramushimira. Ivyo vyaratangaje uwo mukenyezi, maze avuga ati: “Nta bakiri bato wobona muri iki gihe bafise urupfasoni nk’urwo”. Ariko rero, rimwe na rimwe umuntu ahora abona abana badacungerewe bariko barikinira mu rugo, bavuza urwamo bongera birukanga mu tuyira two mu nzu. Abavyeyi ntibakwiye kurekerana abana babo, ahubwo bakwiye kubacungera kugira barabe neza yuko uburyo bigenza bushemeza Yehova.—Imig. 29:15.

4. Twokwerekana gute ko twubahiriza abandi igihe dufungura mu maresitora?

4 Ku maresitora: Uwusereva muri resitora imwe iri hafi y’ahabereye ihwaniro yavuze ati: “Ivyabona baratandukanye n’abandi. Barubahiriza abandi”. Mu ngeso nziza harimwo ukwirinda kuvugira hejuru no gutwenga igitaburamunwa ku buryo bishobora kuvuruga abandi bariko barafungura. Dukwiye kandi kwibuka yuko mu mihingo itari mike usanga bamenyereye gusigira agashirukabute uwusereva, bivanye n’igikorwa aba yaranguye. Mbere n’igihe twihereza ibifungurwa n’ibinyobwa, turondera gukora vyose ku bw’ukuninahaza Imana.—1 Kor. 10:31.

5. Kwigenza neza mu kibanza c’ihwaniro birimwo iki?

5 Kw’ihwaniro: Ukwigenza neza kwacu gukwiye canecane kwigaragaza igihe turi mu kibanza c’ihwaniro. Turakwinginze ukurikize ubuyobozi uhabwa n’abakira abantu ku bijanye n’ahahagarikwa imiduga be n’aho abantu bicara (Heb. 13:17). Abagize umuryango bakwiye kwicarana, aho kureka abana babo, ushizemwo n’imiyabaga ngo baje kwicara mu migwi y’abandi bakiri bato. Ivyuma bifata amajwi ivyo ari vyo vyose ntibikwiye gucomekwa ku ntsinga zitwara umuyagankuba canke zikoreshwa ku biduza amajwi muri ico kibanza, kandi vyokoreshwa gusa mu buryo butagora abandi. Asangwa ushaka gufotora, nta cuma kiravya ukwiye gukoresha mu kiringo ca porogarama. Amatelefone ngendanwa akwiye kuba azimije kugira ntasamaze abandi. Nimba ubonye habaye isanganya muri ico kibanza, turagusavye uce ubimenyesha uwakira abantu canke Urwego rwo gutabara abarwaye.

6. Ingeso tugira turi ku mahwaniro ininahaza Imana gute?

6 Ingeso zacu ziradutandukanya n’abandi kandi zikaninahaza Imana (1 Pet. 2:12). Kw’ihwaniro, ibikorwa vy’Ivyabona vya Yehova birigaragaza. Niwiyemeze rero kuba uwera mu ngeso zawe zose.

[Picture on page 5]

Garagaza ingeso zera

◼ Mu gukurikiza amategeko yose agenga ihoteli

◼ Mu gucungera abana neza

◼ Mu kwubahiriza abandi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika