Gushikiriza igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
◼ “Woba wibaza ko isi yorushiriza kuba ikibanza ciza hamwe abantu boba babayeho bisunga ibi bivugwa ngaha? [Soma Matayo 7:12a. Maze uce urindira yishure.] Iki gitabu kirimwo ivyigwa vyinshi dukura kuri wa mwigisha ahambaye kuruta ababayeho bose”. Nushimike ku mashusho no ku bibazo bijanye na yo biri mu kigabane ca 17.
◼ “Muri iki gihe abavyeyi benshi baragerageza kwinjiza mu bana babo imico myiza. Woba ubona ko ivyo bihambaye? [Rindira yishure. Maze uce usoma Imigani 22:6.] Urabona yuko abavyeyi baremeshwa gutangura kumenyereza abana babo kuva bakiri bato cane. Iki gitabu kigenewe kubafasha kubigira”. Nushimike ku mashusho no ku bibazo bijanye na yo biri mu kigabane ca 15, 18 canke ca 32.
◼ “Kenshi abavyeyi baratangazwa n’ibibazo abana babo babaza. Bimwebimwe muri ivyo bibazo usanga bitoroshe kwishura. Si ko none? [Rindira yishure. Maze uce usoma 2 Timoteyo 3:14, 15.] Nyina wa Timoteyo na inakuru baramwigishije kuva akiri uruhinja ico Ivyanditswe bivuga. Iki gitabu kirashobora gufasha abavyeyi kugirira nk’ivyo nyene abana babo muri iki gihe”. Nushimike ku mashusho makeyi no ku bibazo bijanye na yo biri mu kigabane ca 11 n’ica 12 canke mu kigabane ca 34 gushika ca 36.