Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 15 Ndam.
“Abantu bamwebamwe bibaza ko ikintu cose gishika mu buzima, ushizemwo n’ivyago, aba ari Imana ibishatse. Woba urigera uvyibaza? [Rindira yishure.] Abantu benshi barazi iri sengesho. [Soma Matayo 6:10b.] Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye iyi si, kandi ni ryari uzoranguka bimwe bishitse? Iki kinyamakuru kiratanga inyishu ishingiye kuri Bibiliya”.
Be maso! 22 Ndam. (mu gifaransa)
“Mw’isi ya kino gihe, abantu bamwebamwe bumva ata cizigiro bafise. Vyoba rimwe na rimwe bigushikira? [Rindira yishure. Maze uce usoma Abaroma 15:4.] Abantu batari bake baratahura akamaro ko kugira icizigiro. Uzohimbarwa no kurimbura imvo indwi zishingiye ku Vyanditswe zotuma ugira icizigiro, na zo zikaba zerekanwa muri iyi nomero ya Be maso!”.
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 1 Rusama
“Mu kigoro ko kuryohora ukuntu ikibano c’abantu kimeze, indongozi zimwezimwe z’amadini zirisuka muri politike. Mugabo raba ico Yezu yakoze igihe abantu bashaka kumwimika. [Soma Yohana 6:15.] Yezu yashimika ku kintu cozaniye abandi ivyiza biramba. Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ico kintu ico ari co”.
Be maso! 8 Rus. (mu gifaransa)
“Abantu benshi barahangana n’ibintu bitoroshe iyo bari ku kazi. Bamwebamwe mbere baturubikwa n’abo bakorana. Woba wari uzi ko Bibiliya yuzuyemwo impanuro zishobora kudufasha guhangana n’izo ngorane? [Rindira yishure. Maze uce usoma Imigani 15:1.] Iki kinyamakuru kiratanga inama ngirakamaro z’ingene umuntu yoguma afitaniye amahoro n’abandi ku kazi”.