Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 1 Ruh.
“Abantu bamwebamwe biyumvira yuko atari ngombwa ngo umuntu abe ari mw’idini kugira ngo asenge Imana. Ivyo woba urigera uvyibaza? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirihweza ivyo Imana yagiranye n’abantu mu bihe vyaheze. Kirarimbura n’ico gusenga Imana mu kuri bisobanura”. Soma Yohana 4:24.
Be maso! 8 Ruh. (mu gifaransa)
“Abantu benshi muri iki gihe bumva bafise irungu. Aho harimwo kwumva ko umuntu ari wenyene. Ntiwemera none ko ivyo bibabaza? [Mureke yishure. Nuce usoma Zaburi 25:16.] Iyi nomero ya Be maso! iratanga inama ngirakamaro zifasha kurwanya irungu”.
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 15 Ruh.
“Ntiwokwemera yuko kurerera abana mw’isi ya kino gihe ari ikintu kitoroshe? [Rindira yishure.] Ehe raba icemeza ko abavyeyi bashobora kwererwa mu kubarera. [Soma Imigani 22:6.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi iratanga impanuro ngirakamaro zifasha abavyeyi guhangana n’ico kibazo kitoroshe”.
Be maso! 22 Ruh. (mu gifaransa)
“Abantu bamwebamwe biyumvira yuko kwemera Imana bitajanye na siyansi. Ariko burya wari uzi yuko hari abanyasiyansi bavuga ko siyansi ishigikira vy’ukuri iciyumviro c’uko hariho Umuremyi? [Rindira yishure.] Iyi nomero ya Be maso! irarimbura ibimenyamenya bimwebimwe vyatumye bashika kuri ico ciyumviro”. Soma Abaroma 1:20.