Nugume uremuruye ijisho ryawe
1. Bisobanura iki kugira ijisho riremuruye, kandi ni kubera iki bihambaye?
1 Muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, Yezu yarashimitse ku kosho gakomeye ijisho ry’ikigereranyo, ari ryo jisho ryo mu buryo bw’impwemu, rishobora kugira ku buzima bwacu bwose. Yavuze ati: “Ijisho ryawe [“iyo riremuruye”, NW] umubiri wawe wose uba uri n’umuco. Arikw ijisho ryawe iy’ari ribi, umubiri wawe wose uba uri n’umwiza” (Mat. 6:22, 23). Ijisho riremuruye ni ijisho ritumbereye ku mugambi umwe gusa, na wo ukaba ari ugukora ivyo Imana igomba, ntirisamazwe n’umwitwarariko utabereye w’ivy’umubiri (Mat. 6:19-21, 24-33). Ni ibiki vyodufasha kugumana ijisho riremuruye?
2. Ni ukubona ibintu ukuhe Ijambo ry’Imana rituremesha kugira ku vyerekeye ibintu vy’umubiri?
2 Gutsimbataza ukubumbwa n’ivyo dufise: Kuronsa abo mu rugo ivyo bakeneye ni igisabwa n’Ivyanditswe (1 Tim. 5:8). Ariko ivyo ntibisaba yuko tuja mu vyo kurondera urudaca ibintu vyizavyiza kuruta ibindi kandi bigezweho (Imig. 27:20; 30:8, 9). Ahubwo Ivyanditswe bituremesha kubumbwa n’ ‘ivyo turya be n’ivyo twambara’, ivyo akaba ari vyo bintu vya nkenerwa mu buzima (1 Tim. 6:8; Heb. 13:5, 6). Gukurikiza iyo mpanuro birashobora kudufasha kuguma dutumbereje ijisho ryacu ku bibereye.
3. Ni igiki codufasha kwirinda kwiremereza imitwaro?
3 Tuba tugize ubukerebutsi iyo twirinze kwiremereza amadeni adakenewe be n’ugutunga canke gukurikirana ibintu bisaba guheberwa umwanya mwinshi n’ukwitwararikwa cane (1 Tim. 6:9, 10). Ivyo twobigira gute? Igihe ugomba gukora ikintu kinaka, nugisuzume ujanishije n’isengesho kandi urabe neza ko coba kitazohava kinyoha ivy’impwemu. Niwiyemeze kugumiza ivy’impwemu mu kibanza ca mbere mu buzima bwawe.—Flp. 1:10; 4:6, 7.
4. Ni kubera iki dukwiye kurondera uburyo bwo kworosha ubuzima bwacu?
4 Niworoshe ubuzima: Ikindi kintu cogufasha kunanira gukwegakwegwa n’amaronko, ni ukurondera kworosha ubuzima. Hari umuvukanyi umwe yasanze umuryango wiwe woshobora kuroranirwa utarinze kugira ibintu umurengera yavuze ati: “Ubu mw’ishengero ndashobora gukora vyinshi kuruta mu gukorera abavukanyi banje. Narajijutse yuko Yehova ahezagira abasavyi biwe bose igihe bashize ugusenga kw’ukuri imbere y’inyungu zabo bwite”. Woba wohimbarwa no kwironkera imigisha irushirije kuba myinshi mu kworosha ubuzima bwawe?
5. Ni kubera iki bisaba akigoro kadatezura kugira tugume turemuruye ijisho ryacu?
5 Akigoro kadatezura karakenewe kugira tunanire akosho ka Shetani, isi yiwe ihurumbira amaronko, be n’umubiri wacu munyagasembwa. Aho kureka ngo amaso yacu arabe irya n’ino, nimuze tuyatumbereze ku gukora ivyo Imana igomba no ku cizigiro cacu c’agaciro c’ubuzima budahera.—Imig. 4:25; 2 Kor. 4:18.