ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/04 rup. 6
  • Nukoreshe neza Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nukoreshe neza Bibiliya
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ivyo bijanye
  • Woba Uriko Urarangura Ubusuku Bwawe mu Buryo Bunogangije?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ingene twotegura uburyo bwo gushikiriza ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Igice ca 3: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Kwinjiza Neza Ivyanditswe
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 9/04 rup. 6

Nukoreshe neza Bibiliya

1. Wogira iki mu kwitegurira ubusuku bwo mu ndimiro?

1 Tutarinze kuraba igitabu dutegekanya gushikiriza mu busuku, ni ngirakamaro gucagura icanditswe gituma umuntu azirikana twoganirako n’abatwumviriza (Heb. 4:12). Gucagura icanditswe cakoreshejwe muri ico gisohokayandikiro ushikiriza vyoshobora kugucira inzira yo gushikiriza neza ico gisohokayandikiro. Mu mihingo imwimwe, abamamaji basanze ari ngirakamaro kwitwaza Bibiliya mu minwe igihe baganiriza umuntu canke igihe bakora inzu ku nzu.

2. (a) Twotanguza gute ikiganiro cacu dukoresheje icanditswe? (b) Ni ibihe biganiro bishingiye ku Vyanditswe bishimisha abantu bo mu cibare canyu?

2 Nutanguze icanditswe: Abamamaji bamwebamwe batanguza ikiyago cabo mu kubaza uwo basanze ku muhana ico yiyumvira ku canditswe co muri Bibiliya bagiye gusoma. Ubwo nyene ivyo bica bikwegera ivyiyumviro kw’Ijambo ry’Imana. Bumwebumwe muri ubu buryo bwo gutanguza ikiyago bwoba bwoshobora kuba ngirakamaro mu cibare canyu?

◼ “Iyo uba wari ufise ubushobozi bwo kubigira, ubwo ntiwohinduye ibintu bikamera gutya?” Soma Ivyahishuriwe 21:4.

◼ “Ni kubera iki tubayeho mu bihe bigoye nk’ibi?” Soma 2 Timoteyo 3:1-5.

◼ “Woba wibaza ko ikibano cacu corushiriza kuba ahantu heza hamwe abantu bose bokurikiza iyi mpanuro?” Soma Matayo 7:12.

◼ “Wibaza ko abana bawe bazoshobora kwibonera ibi bintu bidondorwa ngaha?” Soma Zaburi 37:10, 11.

◼ “Woba wibaza ko igihe kizoteba kigashika aho aya majambo aranguka?” Soma Yesaya 33:24.

◼ “Woba usanzwe uzi ihinduka ry’ubutegetsi rivugwa ngaha?” Soma Daniyeli 2:44.

◼ “Woba urigera wipfuza kubaza Imana iki kibazo?” Soma Yobu 21:7.

◼ “Ubwo vyoba bishoboka ko dusubira kubona abacu basandavye?” Soma Yohana 5:28, 29.

◼ “Abapfuye boba bazi ivyo abazima bariko barakora?” Soma Umusiguzi 9:5.

3. Twofasha gute abantu gutahura ivyanditswe dusomye muri Bibiliya?

3 Nusigure, utange akarorero, hanyuma werekane ingene vyoshirwa mu ngiro: Igihe umuntu ashaka ko muganira, ntiwihutagize muri ico kiganiro, ahubwo nufate umwanya wo gusigura, gutanga akarorero, no kwerekana ingene icanditswe usomye coshirwa mu ngiro kugira uwo muntu agitahure (Neh. 8:8). Igihe abantu batahuye ivyo Ijambo ry’Imana ryigisha bakongera bakavyemera, birashobora gutuma bagira amahinduka atangaje mu buzima bwabo.—1 Tes. 2:13.

4. Ni gute twokoresha neza Bibiliya igihe tugira amasubirayo?

4 Nubandanye gukoresha neza Bibiliya uko utsimbataza ugushimishwa kw’abantu. Urashobora gukoresha n’ubu buryo nyene igihe usubira kugendera abo mwaganiriye: (1) Nucagure icanditswe kibereye. (2) Nubaze akabazo koroshe gatuma umuntu aserura iciyumviro ciwe kuri ico canditswe. Nuce ugisoma. (3) Nugisigure, ugitangire akarorero, maze werekane ingene coshirwa mu ngiro. Niwihatire kwongereza ubumenyi uwo muntu afise bw’Ijambo ry’Imana, igihe cose umugendeye. Wosanga udatevye kurongora inyigisho ya Bibiliya!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika