Nugume ubona ko ibintu vyihutirwa!
1 Yezu yari azi ko umwanya yari afise kw’isi wo kurangura igikorwa ca Se wiwe wari muto (Yoh. 9:4). Ku bw’ivyo, yaranguye ubusuku bwiwe abona ko ibintu vyihutirwa, kandi yaramenyereje abigishwa biwe kubigenza nk’ukwo nyene (Luka 4:42-44; 8:1; 10:2-4). Ibintu vy’umubiri bituma umuntu yumva yimererewe neza, kuri we vyari bifise ikibanza kidahambaye (Mat. 8:20). Gutyo, yarashoboye kurangiza igikorwa Yehova yari yaramushinze.—Yoh. 17:4.
2 Igihe gisigaye ni gito: Igihe gisigaye co kwamamaza inkuru nziza mw’ “isi yose” na co nyene ni gito (Mat. 24:14). Ubuhanuzi bwa Bibiliya buhishura ko tubayeho mu gihe ca nyuma c’iherezo. Vuba, ‘abatazi Imana n’abatumvira ubutumwa bwiza bw’Umwami wacu Yezu bazohanwa, ni kwo guhona kw’ibihe bidashira’ (2 Tes. 1:6-9). Urwo rubanza ruzoshika giturumbuka (Luka 21:34, 35; 1 Tes. 5:2, 3). Abantu barakeneye kwikangura bakabona ibihe vy’akaga barimwo. Ibanga twebwe rero dufise ni iryo kubafasha ngo barondere gutona kuri Yehova bigishoboka.—Zef. 2:2, 3.
3 Dukore ivyo dushobora vyose: Kubera ko abasavyi b’Imana bazi yuko ‘igihe gisigaye ari kigufi’, barashira imbere igikorwa co kwamamaza (1 Kor. 7:29-31, NW; Mat. 6:33). Bamwebamwe barahevye uturyo two kwisununura mu vy’ubutunzi canke iyindi migambi yabo kugira bongereze uruhara bagira mu busuku (Mrk. 10:29, 30). Abandi na bo barabandanya kugira ‘vyinshi bakora mu gikorwa c’Umukama’ naho baguma bashikirwa n’ibigeragezo bidahera (1 Kor. 15:58, NW). Abenshi baramaze imyaka mirongo bamamaza inkuru nziza batanyiganyiga (Heb. 10:23). Yehova araha agaciro cane utwigoro twose nk’utwo tugirwa mu gushigikira ivyungura Ubwami.—Heb. 6:10.
4 Gushingira ubuzima bwacu ku gusenga Yehova, aho hakaba harimwo igikorwa co kwamamaza, biradufasha kugumiza umusi wa Yehova hafi mu muzirikanyi. Biradukingira ngo ntidusamazwe n’isi ya Shetani bikongera bigakomeza umwiyemezo wacu wo kugumana ingeso zera (2 Pet. 3:11-14). Nkako, kurangura ubusuku bwacu tubona ko ibintu vyihutirwa birashobora kurokora ubuzima bwacu n’ubw’abatwumviriza.—1 Tim. 4:16.