ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/04 rup. 1
  • Woba ushobora gufasha?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba ushobora gufasha?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ivyo bijanye
  • Woba ‘Ushaka’ Gufasha Abandi?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Twibuke Abageze mu Zabukuru b’Abizerwa
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Woba woshobora kubasaba ngo mukorane?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Ni Igiki Gishobora Kudufasha Guhagarara Dushikamye mu Kwizera?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 11/04 rup. 1

Woba ushobora gufasha?

1 Yehova yama ariko ararondera uburyo bwo gufasha abasavyi biwe b’intahemuka (2 Ngo. 16:9; Yes. 41:10, 13). Yesaya yamugereranije n’umwungere w’umwitwararitsi, yandika ati: “Azoterura imyagazi mu maboko, ayitware mu gikiriza, kand’izonsa azoziyobora buhoro-buhoro” (Yes. 40:11). Rimbura uburyo bumwebumwe dushobora kwigana ubwitwararitsi buranga urukundo bwa Yehova.

2 Dufashe abashasha: Turashobora gufasha mu gutumira abashasha kugira bifatanye natwe mu buryo bwubaka (Imig. 13:20). Umuvukanyi umwe yibutse ingene abandi bamufashije igihe yatangura kwifatanya n’ishengero, yavuze ati: “Akatari gake, hari umuryango wantumira mu nyigisho y’umuryango wagira. Mu gihe nariko ntera imbere, hari umugabo n’umugore bari bamaze igihe gito bubakanye bama bantumiye kwifatanya na bo mu busuku umusi wose. Twama twagize ibiyago vyiza cane vyo mu vy’impwemu”. Yongeyeko ati: “Ntaraba umukirisu, narakunda kuja gutembera ku wa gatanu no ku wa gatandatu mw’ijoro. Yamara, umwanya namarana n’abavukanyi warandonkeje abo twifatanya nari nkeneye”. Kubera yuko ishengero ryitwararikanye urukundo uwo muvukanyi, vyaramufashije gushinga imizi no gushikama mu kwizera, ubu akaba asukura ari mu bagize umuryango wa Beteli.—Kol. 2:6, 7.

3 Dukomezanye: Twoshobora kubona akaryo ko gufasha igihe abavukanyi bacu bari mu bintu bitoroshe. Woba woshobora kuringaniza ivyo gushinga intahe kuri telefone uri kumwe n’umwamamaji afise amagara make canke ukamutumira ngo mujane kurongora inyigisho ya Bibiliya, kumbure ukazana mbere na nya mutohoji i muhira kwa nya mwamamaji afise amagara make? Umuvyeyi afise utwana dutoduto yoba akenye gufashwa igihe aja mu busuku bwo mu ndimiro? Hoba hari abatinyatinya boshima ko ubafasha igihe basubira kuraba abo bayaze canke igihe bagira uruhara mu yindi mice y’ubusuku? Ukwitwararikana urukundo abavukanyi bacu bizotuma turondera uburyo bwo kubakomeza.—Rom. 14:19.

4 Uko twigana ubwitwararitsi buranga ikibabarwe Yehova agirira abasavyi biwe, turakomezanya, tugafasha abagize ishengero kwiyegerezanya mu rukundo, kandi tukaninahaza Dawe wa twese wo mw’ijuru.—Ef. 4:16.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika