Nutsimbataze ugushimishwa kw’abantu wama ushira ibinyamakuru
1. Ni mu buryo ki ivyo kwama ushira abantu ibinyamakuru uko uko bisohotse, wobikoresha mu gutsimbataza ugushimishwa kwabo?
1 Abantu benshi tubonana turi mu ndimiro baratwakira neza kandi bakakirana urweze ibisohokayandikiro vyacu, mugabo bikabagora kwemera inyigisho ya Bibiliya idahorereza. Uburyo bumwe bwo gutsimbataza ugushimishwa kwabo ni mu kuza turabashira binyamakuru. Igihe utanze ikinyamakuru, niwandike izina be na aderese y’uwo muntu, itariki wamugendereyeko, inomero y’ibinyamakuru yakiriye, be n’icanditswe mwaganiriyeko, udasize inyuma ikintu ico ari co cose cerekana ko yoba yashimishijwe. Igihe cose hasohotse inomero nshasha y’ikinyamakuru, nurondere ivyiyumviro bizohimbara abo wama ubishira, maze uzobishire ahabona niwabagendera (1 Kor. 9:19-23). Haciye igihe, ikintu kinaka basomye mu binyamakuru vyacu cokabura ugushimishwa kwabo bigatuma bashaka kumenya n’ibindi.
2. Ni kubera iki vyihutirwa ko abantu barondera Yehova ubu, kandi ni ikindi kintu ikihe twokora kugira ngo tubafashe?
2 Ariko ntiwumve, turazi ko abantu batari bake batazoba abasavyi ba Yehova kubera gusa basomye ibinyamakuru. Ko none vyihutirwa yuko abantu barondera Yehova ubu, twokora iki kandi kugira ngo dushobore kubafasha (Zef. 2:2, 3; Ivyah. 14:6, 7)? Turashobora gutsimbataza ugushimishwa kwabo mu kubereka icanditswe twacaguye neza igihe cose tubahaye ibinyamakuru.
3. (a) Twoshobora gute gutegura urukurikirane rw’ibiganiro bishingiye ku canditswe kimwe? (b) Ni ibintu ibihe biraje ishinga cane abantu bo mu cibare iwanyu?
3 Ibiganiro bishingiye ku canditswe kimwe: Nuzirikane ku bantu wama ushira ibinyamakuru, hanyuma utegure urukurikirane rw’ibiganiro bishingiye ku canditswe kimwe ufatiye ku vyo umwumwe wese akeneye (Flp. 2:4). Nk’akarorero, hamwe umuntu yoba aheruka kubura uwiwe, woshobora gufata umwanya wo kuza uraja kumuraba kugira muganire ku vyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye ukuntu abapfuye bamerewe be n’ivyo ivuga vyerekeye icizigiro c’izuka. Amayagwa ari mu gitabu Comment raisonner munsi y’ikiganiro nyamukuru kivuga ngo “Mort” (Urupfu) be n’ikivuga ngo “Résurrection” (izuka), vyoshobora gukoreshwa mu gutegura ivyo biganiro bishingiye ku canditswe kimwe. Ibindi biyago ku biganiro bijanye n’ivyo, nk’ivyerekeye ingene indwara, ubusaza be n’urupfu bizokurwaho amazimayongo, birashobora kwizana. Intumbero nyamukuru ni iyo kuronka ikintu coshimisha uwo muntu maze tukabandanya buhorobuhoro tumwereka ico Bibiliya ikivugako.
4. Ni kubera iki bihambaye gufasha abandi gutahura mu gihe dukoresha Ivyanditswe, kandi ivyo twobigira gute?
4 Nufashe abandi gutahura: Naho akenshi usanga ari vyiza kuruta iyo umuntu atumye ibiyago nk’ivyo biguma vyoroshe kandi ari bigufi, hari ikindi gikenewe uretse gusa gusoma icanditswe cacaguwe. Shetani yarahumye imitima y’abantu kugira ntibumve inkuru nziza (2 Kor. 4:3, 4). N’abantu bamenyereye ibiri muri Bibiliya barakeneye gufashwa kugira bayitahure (Ivyak. 8:30, 31). Ku bw’ivyo, nufate umwanya kugira usigure icanditswe wongere ugitangire akarorero nk’uko nyene wobigira mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi (Ivyak. 17:3). Nurabe neza ko uwo muntu atahura agaciro k’Ijambo ry’Imana mu buzima bwiwe.
5. Ukuza uragendera umuntu uhora ushira ibinyamakuru bishobora gute gutuma atangura kwiga Bibiliya?
5 Nimba uwo muntu ahimbarwa n’ivyo ariko ariga, nugende urongereza buhorobuhoro ibiganiro mu gushiramwo ivyanditswe vyo muri Bibiliya bibiri canke bitatu igihe cose umugendeye. Nurondere akaryo ko gutangura gukoresha agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? canke igitabu Ubumenyi. Muri ubwo buryo, ukuza uragendera umuntu uhora ushira ibinyamakuru birashobora gutuma atangura kwiga Bibiliya.