Igice ca 10: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
Kumenyereza abatohoji mu busuku bw’inzu ku nzu
1 Igihe abakurambere babonye ko umutohoji wa Bibiliya akwije ibisabwa vyo kuba umwamamaji atarabatizwa, arashobora gutangura kwifatanya n’ishengero mu gikorwa co kwamamaza ku mugaragaro (Raba igitabu Twagizwe Ishirahamwe ngo Dushitse Ubusuku Bwacu, rup. 99-101.). Twofasha gute umutohoji kugira ngo ashobore gutsinda urugamba mu bijanye no kwamamaza inzu ku nzu?
2 Nimwitegure muri kumwe: Nta kintu na kimwe coza gisubirira ugutegura neza. Niwereke umutohoji aho ashobora gusanga uburyo bwo gushikiriza ikiganiro mu Gikorwa dukorera Ubwami be no mu gatabu Uburyo bwo Gutanguza Ibiyago, uce umufasha guhitamwo uburyo bworoshe kandi ngirakamaro buhuye n’ukuntu ibintu vyifashe mu cibare canyu. Kuva mu ntango, numuremeshe gukoresha Bibiliya igihe ari mu busuku.—2 Tim. 4:2.
3 Imyimenyerezo ni ngirakamaro cane ku mwamamaji mushasha. Igihe umutohoji ariko arasubiramwo uburyo bwo gushikiriza ikiyago, numwereke ukuntu yovyifatamwo abigiranye ubugenge hamwe abantu bo mu cibare canyu boramuka bavyakiriye uko bakunda kuvyakira (Kol. 4:6). Numusubirize umutima mu nda ko atari ngombwa ngo abasuku bakirisu babe bazi inyishu z’ikibazo cose umuntu basanze ku muhana yobaza. Ibibazo nk’ivyo bivyutse, kenshi biba vyiza umuntu asavye uwo baganira ngo amureke aje kugira ubushakashatsi maze azogaruke gusubira kuyaga na we kuri ico kibazo.—Imig. 15:28.
4 Nimwamamaze muri kumwe: Umusi wa mbere umutohoji agiye mu busuku bw’inzu ku nzu, nubanze umureke yihweze igihe ushikiriza ikiganiro mwempi mwateguriye hamwe. Hanyuma, numureke na we agire uruhara. Rimwe na rimwe, biraba vyiza umwamamaji mushasha ashikirije igice gitoyi c’ikiyago, nko mu gusoma icanditswe no mu kugisasanura. Ntiwirengagize kamere z’umutohoji be n’ivyo ashoboye (Flp. 4:5). Uko ugenda uramumenyereza buhorobuhoro mu mice itandukanye y’igikorwa co kwamamaza, nuze uramukeza kenshikenshi.
5 Birahambaye gufasha umwamamaji mushasha kwishingira urutonde rudahinduka rwo kuja mu busuku, nimba bishoboka ntihagire indwi yijana atagiyeyo (Flp. 3:16). Nutunganye mu buryo butomoye ingene muzokorana mu busuku, wongere kandi umuremeshe gukorana n’abandi bamamaji b’abanyamwete. Akarorero kabo hamwe no kuba bifatanya na we biramufasha gutsimbataza ubuhanga akongera akaronkera umunezero mu gikorwa co kwamamaza inzu ku nzu.