Porogarama y’Iteraniro ry’umuzunguruko ryimirije
Muri iyi misi ya nyuma y’isi ishaje yononekaye, birahambaye ko tugumana umwambaro wacu wo mu buryo bw’impwemu, kandi tukazigama akaranga kacu ka gikirisu (Ivyah. 16:15). Birabereye rero kubona iteraniro ry’umuzunguruko ryo mu mwaka w’umurimo wa 2006 ryataziriwe ngo “Nimwambare wa muntu musha”.—Kol. 3:10.
Umusi wa mbere: Uruhererekane rwa mbere rufise umutwe uvuga ngo “Tugaragaze imice itandukanye ya wa muntu musha”, ruzokwerekana ukuntu gutsimbataza wa muntu musha bitugirira akamaro mu mice yose y’ubuzima bwacu. Twotsimbataza gute wa muntu musha? Ivyo bizokwihwezwa mu nsiguro zibiri zizosozera umusi wa mbere, iyivuga ngo “Niwimenyereze kuzirikana neza” be n’iyivuga ngo “Inyigisho ibumbabumba wa muntu musha”.
Umusi ugira kabiri: Uruhererekane rugira kabiri rufise umutwe uvuga ngo “Dutsimbataze ururimi rw’abanyabwenge”, ruzokwihweza uburyo wa muntu musha agira ico akoze ku kuntu dukoresha ururimi. Umutwe—shimikiro w’insiguro y’icese, iyizotwereka ukuntu dukeneye kuguma turi maso ku mayeri ya Shetani, uzoba uvuga ngo “Woba uriko uranesha wa mubi?”. Insiguro zibiri za nyuma zo kuri iryo teraniro, iyivuga ngo “Nugume utandujwe n’isi” be n’iyivuga ngo “Turyohore ku musi ku musi umuntu wacu w’imbere”, zizodufasha kwirinda inyifato be n’ingeso ziteye kubiri n’inzira zigororotse z’Imana maze tugume duhagaze tutanyiganyiga mu gusenga Yehova.
Mbega ukuntu twiteganye igishika ivyo bintu bizoturemesha kwambara no kugumana wa muntu musha!