Dutangaze ubuninahazwa bwa Yehova
1 Umwanditsi wa Zaburi yatangaje ati: “Yemwe abari mw’isi mwese, muririmbire Uhoraho. . . . Mwamamaze mu mahanga [“ubuninahazwa”, NW] bgiwe, n’ibikorwa bitangaje yakoze muvyamamaze mu moko yose”. Uko tuzirikana ku vyo Yehova yadukoreye, ku vyo ariko aradukorera, be n’ivyo araririye kudukorera, turumva tuvyuriwe umutima wo gutangaza ubuninahazwa bwiwe.—Zab. 96:1, 3.
2 Mu busuku bwacu: Ivyabona vya Yehova baratewe iteka ryo kwitirirwa izina ry’Imana no kurininahaza ku mugaragaro hirya no hino kw’isi (Mal. 1:11). Ese ukuntu batandukanye n’abakuru b’amadini y’abitwa abakirisu, abubahutse n’ubwibone n’akantu bagakura izina ry’Imana muri Bibiliya bahinduye! Igikorwa co kumenyekanisha izina rya Yehova kirihutirwa, kubera yuko abantu babwirizwa kwambaza iryo zina bafise ukwizera kugira bashobore kuzorokoka amarushwa ahambaye yimirije kuza (Rom. 10:13-15). Vyongeye, amahoro mu vyaremwe vyose, harimwo amahoro hagati y’abantu baba kw’isi, ahagaze ku kwezwa kw’izina ry’Imana. Kukaba nkako, ivyo Imana yakoze vyose birafitaniye isano n’izina ryayo.
3 ‘Uhoraho arahambaye kandi abereye gushimwa cane’. Ariko rero, kugira ngo abantu “[b]aturire Uhoraho ingen’izina ryiwe ribereye [“ukuninahazwa”, NW]”, bategerezwa kumenya ukuri kumwerekeye (Zab. 96:4, 8). Yamara, bamwe barahakana ko Imana ibaho (Zab. 14:1). Abandi na bo baratyoza Yehova bavuga ngo nta bushobozi afise, canke ngo ntiyitaho ivyerekeye abantu. Mu gihe dufashije abantu b’imitima nziraburyarya kugira baronke ubumenyi bwerekeye Umuremyi wacu, imigambi yiwe be na kamere ziwe nziza cane, tuba tuninahaje Yehova.
4 Mu kuntu twigenza: Mu gihe abantu babayeho bisunga ingingo mfatirwako za Yehova, biramutera iteka. Abantu ntibabura kubona ukuntu twigenza neza (1 Pet. 2:12). Nk’akarorero, kuba turi abanyesuku kandi tukaba tuboneka neza, vyotuma tuvugwa neza mu bandi, ivyo na vyo bigatuma turonka akaryo ko kuvuga ivyiza biva mu kubaho twisunga ingingo ngenderwako ziri mw’Ijambo ry’Imana (1 Tim. 2:9, 10). Ese ukuntu twumva duhimbawe igihe abandi ‘babona ibikorwa vyacu vyiza, maze bagahimbaza Data wo mw’ijuru’!—Mat. 5:16.
5 Biciye ku vyo tuvuga no ku vyo dukora, nimuze twame dushemeza Imana yacu nziza igitangaza, gutyo tube twitavye aka kamo gateye umunezero kagira gati: “Muririmbire Uhoraho, mushemagize izina ryiwe: mumenyekanishe agakiza kiwe uko bukeye”.—Zab. 96:2.