Ingene twoshikiriza igitabu ivyo Bibiliya yigisha
Muri iyi nyongera haratanzwe uburyo butandukanye bw’ingene hoshikirizwa igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Kugira ubwo buryo bube ngirakamaro kuruta, nubushire mu ngiro ukoresheje amajambo yawe, wisunge ukuntu abantu bo mu cibare cawe bamerewe, umenyere kuyagisha abantu ukoresheje ivyiyumviro vyo muri ico gitabu. Ubundi buryo bwo gutanguza ikiyago bwoba ngirakamaro mu cibare cawe bwoshobora na bwo nyene gukoreshwa.—Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2005, rup. 8.
Bibiliya
◼ “Abantu bakunze kuvuga yuko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana. Woba urigera wibaza ingene igitabu canditswe n’abantu gishobora kwitwa Ijambo ry’Imana? [Rindira yishure, uce usoma 2 Petero 1:21 be n’ingingo ya 5 iri ku rupapuro rwa 19-20.] Iki gitabu kirimwo inyishu Bibiliya itanga kuri ibi bibazo”. Mwereke ibibazo biri ku rupapuro rwa 6.
◼ “Muri iki gihe, abantu barashobora kumenya ibintu vyinshi gusumba uko vyari aho hambere hahise. None wibaza ko twokura hehe impanuro iroranye yoshobora kudufasha kugira agahimbare no kuroranirwa mu buzima? [Rindira yishure, uce usoma muri 2 Timoteyo 3:16, 17 be n’ingingo ya 12 iri ku rupapuro rwa 22-23.] Iki gitabu kirasigura ingene twoshobora kubaho mu buryo buhimbara Imana kandi natwe bikatugirira akamaro”. Mwereke uruzitiro be n’ishusho biri ku rupapuro rwa 122-123.
Harumagedoni
◼ “Igihe abantu bumvise ijambo ‘Harumagedoni’, benshi baca bibaza ko ari ugusasika inganda. None ntivyogutangaza umenye vy’ukuri ko Harumagedoni ari ikintu umuntu yorindirana igishika? [Rindira yishure, uce usoma mu Vyahishuriwe 16:14, 16.] Nurabe ibivugwa ngaha bijanye n’ingene ubuzima buzoba bumeze inyuma ya Harumagedoni”. Zingurura ku rupapuro rwa 82-84, uce usoma ingingo ya 21.
Idini
◼ “Abantu benshi baratanguye kubona yuko amadini yo mw’isi ari yo atera ingorane mu bantu aho kuzitotera umuti. Wibaza ko amadini ariko ayobora abantu mu nzira y’ukuri? [Rindira yishure, uce usoma muri Matayo 7:13, 14 be n’ingingo ya 5 iri ku rupapuro rwa 146.] Iki kigabane kirihweza ibintu bitandatu vyerekana ugusenga kwemerwa n’Imana”. Mwereke ibiri ku rupapuro rwa 147.
Intambara/Amahoro
◼ “Abantu kw’isi yose barashashaye amahoro. Woba wiyumvira yuko icizigiro c’uko amahoro azoteba akaboneka kw’isi ari indoto? [Rindira yishure, uce usoma muri Zaburi 46:8, 9.] Iki gitabu kiraca irya n’ino ukuntu Imana izoshitsa umugambi wayo be n’ukuntu izozana amahoro kw’isi yose”. Mwereke ishusho iri ku rupapuro rwa 35, muce musuzuma ingingo ya 17-21 ku rupapuro rwa 34-36.
Isengesho
◼ “Woba urigera wibaza ukuntu Imana yishura amasengesho? [Rindira yishure, uce usoma 1 Yohana 5:14, 15 be n’ingingo ya 16-18 ku rupapuro rwa 170-172.] Iki kigabane naco nyene kirerekana ingene dukwiye gusenga Imana n’ico twokora kugira idutege amatwi”.
Ivyago/Ugucumukura
◼ “Igihe icago cadutse, abantu benshi baribaza nimba Imana ibabara vy’ukuri abantu ikabona umubabaro barimwo. Ivyo woba urigera uvyibaza? [Rindira yishure, uce usoma 1 Petero 5:7 be n’ingingo ya 11 iri ku rupapuro rwa 11.] Iki gitabu kirasigura ingene Imana igiye gukuraho ubutakigaruka ugucumukura kw’abantu”. Mwereke ibibazo vy’intangamarara biri ku rupapuro rwa 106.
Uburaro
◼ “Mu mihingo myinshi, kuronka ahantu heza ho kuba biguma birushiriza kugora. Woba wibaza ko hazoteba hagashika igihe aho umuntu wese azoronka uburaro bwiza? [Rindira yishure, uce usoma muri Yesaya 65:21, 22 be n’ingingo ya 20 iri ku rupapuro rwa 34.] iki gitabu kirasigura ingene uwo muhango uva ku Mana uzoranguka”.
Ubuzima budahera
◼ “Abantu benshi baripfuza ubuzima bwiza be n’ukuramba. None iyaba vyoshoboka, ntiwokwipfuje kubaho ibihe bidahera? [Rindira yishure, uce usoma mu Vyahishuriwe 21:3, 4 be n’ingingo ya 17 iri ku rupapuro rwa 54.] Iki gitabu kiraca irya n’ino ingene tworonka ubuzima budahera be n’ukuntu ubuzima buzoba bumeze uwo muhango niwaranguka koko”.
Umuryango
◼ “Twese turipfuza kugira ubuzima buhimbaye mu muryango. Si ko none? [Rindira yishure.] Bibiliya iravuga ikintu umuntu wese mu bagize umuryango yokora kugira mu muryango habe agahimbare, ico na co kikaba ari ukwigana Imana mu kwerekana urukundo”. Soma mu Banyefeso 5:1, 2 be n’ingingo ya 4 iri ku rupapuro rwa 135.
Urupfu/Izuka
◼ “Abantu benshi baribaza ingene bigenda iyo umuntu apfuye. Wibaza ko dushobora kubimenya? [Rindira yishure, uce usoma mu Musiguzi 9:5 be n’ingingo ya 5-6 ku rupapuro rwa 58-59.] Iki gitabu kandi kiraca irya n’ino ico umuhango wa Bibiliya ku vyerekeye izuka uzoba usigura kuri abo bapfuye”. Mwereke ishusho riri ku rupapuro rwa 75.
◼ “Iyo uwacu apfuye, ni ibisanzwe kwumva twipfuza kwongera kumubona. Si ko none? [Rindira yishure.] Benshi barahumurijwe n’umuhango w’izuka Bibiliya itanga. [Soma Yohana 5:28, 29 be n’ingingo ya 16-17 ku rupapuro rwa 71-72.] Iki kigabane na co nyene kirishura ibi bibazo”. Mwereke ibibazo vy’intangamarara biri ku rupapuro rwa 66.
Yehova Imana
◼ “Abantu benshi bemera Imana baripfuza kuyiyegereza. Woba wari uzi ko Bibiliya idusaba kwiyegereza Imana? [Rindira yishure, uce usoma muri Yakobo 4:8a be n’ingingo ya 20 iri ku rupapuro rwa 16.] Iki gitabu categuwe kugira gifashe abantu kwiga vyinshi ku vyerekeye Imana, bakoresheje Bibiliya yabo bwite”. Mwereke ibibazo vy’intangamarara biri ku rupapuro rwa 8.
◼ “Abantu benshi barasenga ngo izina ry’Imana ryubahwe canke rininahazwe. Woba uribaza iryo zina iryo ari ryo? [Rindira yishure, uce usoma muri Yesaya 12:2 be n’ingingo ya 2-3 zo ku rupapuro rwa 195.] Iki gitabu kirasigura ico Bibiliya vy’ukuri yigisha ku vyerekeye Yehova Imana be n’imigambi afise yerekeye abantu”.
Yezu Kirisitu
◼ “Abantu bo hirya no hino kw’isi baramaze kwumva ivyerekeye Yezu Kirisitu. Bamwe bivugira gusa yuko yari umuntu adasanzwe. Abandi nabo bakamusenga nk’Imana Mushoboravyose. Woba ubona ko ivyo twemera ku vyerekeye Yezu Kirisitu hari ico bitwaye”? [Rindira yishure, uce usoma muri Yohana 17:3 be n’ingingo ya 3 iri ku rupapuro rwa 37-38.] Niwereke uwo muntu ibibazo vy’intangamarara biri munsi y’umutwe-shimikiro w’ikigabane.
[Box on page 5]
Ivyo umuntu yovuga ku bijanye n’ivyo gutanga intererano
“Nimba wipfuza gutanga intererano ku bijanye n’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, nohimbarwa no kuyakira”.
“Naho ibitabu vyacu bitangwa ata co turihishije, turakira intererano igereranye itangwa ku bijanye n’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose”.
“Ushobora kuba wibaza ingene bigenda kugira ngo turangure iki gikorwa. Ni kubera yuko ico gikorwa turangura gishigikirwa n’intererano zitangwa n’abavyishakiye. Nimba wipfuza gutanga intererano uyu musi, nohimbarwa no kuyakira”.