Ividewo ishira ahabona uburyo bwo kuvura buhambaye
Abahinga mu vy’amategeko no mu vy’ubuvuzi bariko bararushiriza kwitwararika amahitamwo y’abarwayi be n’uburenganzira bwabo mu vy’ukuvurwa. Ivyo vyatumye haboneka imiti mishasha hamwe n’uburyo bwo kuvura bushasha Ivyabona vya Yehova bashobora kwungukirako (Ivyak. 15:28, 29). Ivyo ni vyo bishimikwako muri ya videwo ivuga ngo: “Soigner sans transfuser: besoins et droits du patient” (Ukuvura hadakoreshejwe amaraso, ivyo umurwayi akeneye be n’agateka kiwe bikubahirizwa). Nuyirabe, hanyuma usubiremwo ivyo wayigiyeko. Ibimenyeshejwe: kubera yuko muri iyo videwo bacishamwo amashusho yerekana abantu bariko barabagwa, abavyeyi bakwiye kwiyubara igihe baraba iyo videwo bari kumwe n’abana batoyi.
(1) Ni kubera iki abahinga mu vy’ubuvuzi bariko barasubira gusuzuma ivyo gutera amaraso? (2) Tanga uburorero butatu bw’ukubaga kugoye cane kwagizwe hadakoreshejwe amaraso. (3) Ni abaganga be n’abahinga mu vy’ukubaga bangahe kw’isi yose bemeye kuvura abarwayi batabateye amaraso? Ni kubera iki bemera kubigira? (4) Amatohoza aheruka kugirwa n’ibitaro yahishuye iki ku bijanye no gutera amaraso? (5) Ni inkurikizi mbi izihe zishobora kuhaba igihe umuntu atewe amaraso mu kuvurwa? (6) Ni iciyumviro ikihe abahinga karuhariwe benshi bashitseko ku bijanye n’ivyiza biva ku buryo bw’ukuvura hadakoreshejwe amaraso? (7) Ni igiki gitera ikeha ry’amaraso mu mubiri? Umubiri w’umuntu ushobora kwihanganira iryo keha ry’amaraso ku rugero rungana iki? Hokorwa iki kugira ngo amaraso yakeshe agaruke? (8) Ihingurwa ry’utugingo dutukura two mu maraso rishobora gukaburwa gute mu mubiri w’umurwayi? (9) Ni ubuhinga ubuhe buriko burakoreshwa kugira ngo bagabanye amaraso atakara mu gihe c’ukubaga umurwayi? (10) Bwa buryo bwo kuvura hadakoreshejwe amaraso bwoba bushobora gukoreshwa ku bana bakiri batoyi canke ku barwayi baremvye cane bakeneye gutabarwa vyihutirwa? (11) Imwe mu ngingo ngenderwako nyamukuru y’ukuvura umurwayi batamurengeye akarimbi ni iyihe? (12) Ni kubera iki bihambaye yuko abakirisu bahitamwo imbere y’igihe uburyo bipfuza ko bwokoreshwa mu kuvurwa hadakoreshejwe amaraso? Ivyo twobigira gute?
Kwemera uburyo bumwebumwe bwo kuvurwa bwerekanywe muri iyo videwo ni ingingo umuntu yifatira yizunze ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya. Woba waramaze guhitamwo uburyo wipfuza ko bwokoreshwa kuri wewe no ku bana bawe mu kuvurwa hadakoreshejwe amaraso? Abo mu muryango batari Ivyabona na bo nyene bakwiye gusigurirwa bimwe bishitse ivy’izo ngingo wafashe be n’igituma wazifashe.—Raba “Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 2004 be n’uwo ku wa 1 Munyonyo 2000.