Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Ruhuh.
“Twese turakenera amahera kugira ngo tubeho. Ariko none woba wemera ko bikenewe ko umuntu yirinda akaga kavugwa ngaha? [Soma 1 Timoteyo 6:10, uce urindira yishure.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi iradufasha kumenya imwimwe mu mitego abantu bakunze kugwamwo bitewe n’ugusagamba kwo mu vy’umubiri. Iraca irya n’ino kandi ukuntu twokwirinda iyo mitego”.
Réveillez-vous! Ruhuh.
“Abenshi muri twebwe bafise incuti be n’abagenzi bageze mu zabukuru usanga bibaza ingene bobafasha kwihanganira ingorane zijanye n’ubusaza. Si ko none? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiravuga ibintu twokora kugira ngo dutume uwugeze mu zabukuru arushiriza kworoherwa. Kirasigura kandi ingene ubu buhanuzi buzoranguka”. Soma muri Yobu 33:25.
Umunara w’Inderetsi 15 Ruhuh.
“Hamwe woba ushoboye gucagura umuntu yotegeka isi, mbega wohitamwo nde? [Rindira yishure.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi irarimbura ivyemeza ko Mesiya ari we Imana yacaguye kugira atware isi. Iyi nomero irasigura kandi ico ubutegetsi bwiwe buzoba busobanura ku bantu”. Soma Yesaya 9:6, 7.
Réveillez-vous! Ruhuh.
“Hari imana nyinshi abantu basenga muri iki gihe. Ariko rero, raba ico Yezu yavuze mw’isengesho ku bijanye na Se wiwe wo mw’ijuru. [Soma Yohana 17:3.] Niba hari Imana y’ukuri imwe gusa, tuvuge iki ku vyerekeye izo zindi mana zose? [Rindira yishure.] Iki kiganiro kirerekana ico Bibiliya ibivugako”. Numwereke ico kiganiro ku rupapuro rwa 28-29.