ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/06 rup. 8
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 3/06 rup. 8

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Ruhuh.

“Twese turakenera amahera kugira ngo tubeho. Ariko none woba wemera ko bikenewe ko umuntu yirinda akaga kavugwa ngaha? [Soma 1 Timoteyo 6:10, uce urindira yishure.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi iradufasha kumenya imwimwe mu mitego abantu bakunze kugwamwo bitewe n’ugusagamba kwo mu vy’umubiri. Iraca irya n’ino kandi ukuntu twokwirinda iyo mitego”.

Réveillez-vous! Ruhuh.

“Abenshi muri twebwe bafise incuti be n’abagenzi bageze mu zabukuru usanga bibaza ingene bobafasha kwihanganira ingorane zijanye n’ubusaza. Si ko none? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiravuga ibintu twokora kugira ngo dutume uwugeze mu zabukuru arushiriza kworoherwa. Kirasigura kandi ingene ubu buhanuzi buzoranguka”. Soma muri Yobu 33:25.

Umunara w’Inderetsi 15 Ruhuh.

“Hamwe woba ushoboye gucagura umuntu yotegeka isi, mbega wohitamwo nde? [Rindira yishure.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi irarimbura ivyemeza ko Mesiya ari we Imana yacaguye kugira atware isi. Iyi nomero irasigura kandi ico ubutegetsi bwiwe buzoba busobanura ku bantu”. Soma Yesaya 9:6, 7.

Réveillez-vous! Ruhuh.

“Hari imana nyinshi abantu basenga muri iki gihe. Ariko rero, raba ico Yezu yavuze mw’isengesho ku bijanye na Se wiwe wo mw’ijuru. [Soma Yohana 17:3.] Niba hari Imana y’ukuri imwe gusa, tuvuge iki ku vyerekeye izo zindi mana zose? [Rindira yishure.] Iki kiganiro kirerekana ico Bibiliya ibivugako”. Numwereke ico kiganiro ku rupapuro rwa 28-29.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika