Ubusuku turangura ni igikorwa kiranga imbabazi
1 Yezu yaritegereje amasinzi y’abantu bariko bumviriza ubutumwa yariko ashikiriza, abona “bagowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere” (Mat. 9:36). Abigiranye ikibabarwe n’urukundo, yarabigishije inzira za Yehova, arabahumuriza, yongera arabaronsa ivyo bari bakeneye mu vy’impwemu abigiranye imbabazi. Tuzirikanye ku nzira za Yehova, turiga kwiyumvira no kwiyumva nka kumwe kwa Yezu, kandi iyo kamere y’imbabazi ica yigaragaza mu busuku turangura.
2 Fata akanya uzirikane ku vyo Yezu yagize igihe abantu bari bakeneye rwose gufashwa, bamwegera (Luka 5:12, 13; 8:43-48). Yaritaho abantu bari n’ivyo bakenye mu buryo budasanzwe (Mrk. 7:31-35). Yarabona ingene abantu bamerewe maze akabitwararika. Ntiyaraba ibiboneka inyuma gusa (Luka 7:36-40). Koko, Yezu yaragaragaza bimwe bitagira agahaze imbabazi zirangwa ikibabarwe z’Imana yacu.
3 ‘Yaraterwa akagongwe’ n’abantu: Yezu ntiyarangura ubusuku bwiwe kubera gusa yabona ko ari igikorwa yategerezwa gukora. ‘Yaraterwa akagongwe’ n’abantu (Mrk. 6:34). No muri iki gihe nyene, ntidupfa gushikiriza ubutumwa, ariko tugerageza kurokora ubuzima bufise agaciro. Nurondere gutahura igituma abantu bakira ubutumwa ukunaka. Ni kubera iki bafise imyitwarariko canke bahagaritse umutima? Boba birengagizwa canke bahumwa amaso n’abungere bo mu madini y’ikinyoma? Twitwararitse abandi bimwe bivuye ku mutima, vyoshobora kubavyurira umutima wo kwumviriza inkuru nziza.—2 Kor. 6:4, 6.
4 Kwumvira imbabazi abandi birabakora ku mutima. Reka tubitangire akarorero: Hari umugore yabuze akana kiwe k’agakobwa k’amezi atatu yakunda cane. Igihe Ivyabona babiri badodora ku rugi iwe, yarabahaye ikaze mu nzu afise intumbero yo kubahinyuza ku vyiyumviro vyose boshikirije ku bijanye n’igituma Imana ireka abantu bagacumukura. Ariko rero, uwo mugore mu nyuma yavuze ati: “Baranteze ugutwi babigiranye imbabazi nyinshi, maze basezeye, numvise merewe neza ku buryo nemeye ko bogaruka”. Woba wihatira kwumvira imbabazi abantu bose muhura mu busuku?
5 Dutsimbataje kamere y’ukwumvira imbabazi abandi bizodufasha kubahumuriza mu buryo nyakuri. Tubigenjeje gutyo, turaninahaza umwe “Data wa twese w’imbabazi”, Yehova.—2 Kor. 1:3.