Twitwararike abandi—Mu kubakeza
1 Gukeza abandi tubikuye ku mutima birabaremesha, bikabavyurira umutima wo kugira ico bakoze, bikongera bigatuma banezerwa. Abamamaji benshi basanze kubwira abantu akajambo ko kubakeza babikuye ku mutima kenshi na kenshi bituma babatega ugutwi mu busuku. Twokeza gute abantu igihe turondera kubabwira inkuru nziza?
2 Tube abantu bihweza: Yezu Kirisitu yaninahajwe, yarabonye ibikorwa vyiza ya mashengero indwi yo muri Aziya Ntoyi yakora arabishima (Ivyah. 2:2, 3, 13, 19; 3:8). Mu buryo nk’ubwo, kwitwararika abantu duhura mu busuku bwacu tubikuye ku mutima bizotuma turondera uturyo two kubakeza. Nk’akarorero, imbuga isukuye, umuvyeyi agaragariza abana biwe igishika kirangwa ikibabarwe, uwo tuyaga atumwenyuriye canke aturamukije kigenzi, ivyo vyose biraturonsa uturyo two gukeza abandi. Woba wibwiriza kwihweza uturyo nk’utwo no kutatugisha?
3 Tube abantu batega ugutwi: Igihe ubwira inkuru nziza abandi, nutume bagira ico bavuze mu kubabaza ibibazo bibereye. Erekana ko ubatera iteka mu gutega yompi ivyo bavuga (Rom. 12:10). Birashoboka ko utazobura ikintu kanaka wobakezako ubikuye ku mutima maze ugashobora kwubakira ku vyo muhurizako.
4 Nidukoreshe ubukerebutsi: Dukwiye gukora iki mu gihe uwo tuyaga avuze ikintu gihushanye n’ukuri kwo muri Bibiliya? Aho guharira ku kintu kitari co kivuzwe, nukengurukire uwo muntu ku vyo avuze maze uce ubandanya uvuga amajambo nk’aya ngo “Ndabona ko wazirikanye cane kuri ico kintu” (Kol. 4:6). Naho umuntu yoba ari umunyabihari, kenshi na kenshi turashobora kumukeza kubona yitwararika abikuye ku mutima ivyo muyaga. Uburyo nk’ubwo burimwo ubugwaneza bwoshobora guhwamika umuntu asa n’uwurwanya yivuye inyuma inkuru nziza.—Imig. 25:15.
5 Kugira ngo ugukeza abantu kugire agaciro, dutegerezwa kubigira tubikuye ku mutima. Gukoresha imvugo nk’iyo yubaka biratera iteka Yehova, kandi vyoshobora gutuma abandi bagira umutima wo kwumviriza ubutumwa bw’Ubwami.