ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/06 rup. 1
  • Isekeza ridasanzwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isekeza ridasanzwe
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ivyo bijanye
  • “Ikimpumbi Gishasha—Kazoza Wewe Kakubikiye Iki?”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Isekeza ridasanzwe ryo gushikiriza agapapuro k’inkuru nziza 20 Gitugutu–16 Munyonyo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Inkuru y’Ubwami No. 38 izoshikirizwa muri Munyonyo!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Igihe tudasanze abantu i muhira
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 9/06 rup. 1

Isekeza ridasanzwe

16 Gitugutu–12 Munyonyo

1 “Idini ry’ikinyoma rigiye gukurwaho!”. Uwo ni wo mutwe w’agapapuro k’Inkuru y’Ubwami No. 37, kazoshikirizwa kw’isi yose guhera mu kwezi kuza. Mu gice ca mbere c’ukwezi kwa Gitugutu, tuzoshikiriza ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Kuva ku wa mbere igenekerezo rya 16 Gitugutu gushika ku w’iyinga igenekerezo rya 12 Munyonyo, tuzogira uruhara mw’isekeza ryo gushikiriza twivuye inyuma ako gapapuro k’Inkuru y’ubwami No. 37. Mu gihe c’iryo sekeza, ku misi yo mu mpera z’imishamvu tuzogashikiriza kari kumwe n’ibinyamakuru bizoba bishikirizwa mu kwezi tuzoba turimwo.

2 Abashobora kuzorigiramwo uruhara: Abasanzwe bamamaza inkuru nziza n’umwete bazoshima kurigiramwo uruhara bimwe bishitse. Hari abazoba bashoboye gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Woba ufise abana canke abo mwigana Bibiliya bariko batera imbere mu vy’impwemu? Bafashe begere abakurambere kugira barabe ko boba bakwije ibisabwa ngo babe abamamaji batarabatizwa. Abakurambere bakwiye kwibwiriza kuganira n’abamamaji bahororokewe kugira ngo babaremeshe kugira uruhara muri iryo sekeza, kumbure mu kuringaniza ivy’uko abo bahororokewe bakorana n’abamamaji bazi utuntu n’utundi.

3 Amashengero yose azorungikirwa udupapuro tw’Inkuru y’Ubwami No. 37, ku buryo abamamaji n’abatsimvyi bazoronka umwumwe wese n’imiburiburi udushika 50. Abashimishwa n’ukuri bataraba abamamaji boshobora kuronka udupapuro dutanudutanu two guha abo mu muryango iwabo be n’abagenzi. Abamamaji bose bakwiye kuza barandika igitigiri c’udupapuro batanga, hanyuma mu mpera y’ukwezi kwa Gitugutu n’iy’ukwezi kwa Munyonyo igitigiri c’utwo batanze bakagishira ku ruhande rw’inyuma kuri raporo zabo z’umurimo wo mu ndimiro. Umunyamabanga w’ishengero azoheza ateranye udupapuro twose ishengero ryatanze, maze igitigiri atoye ace akirungika ku biro vy’ishami mu mpera y’ukwezi kumwekumwe kwose. Utuzosigara twose iryo sekeza rimaze kurangira twoshobora kuzokoreshwa mu muce uwo ari wo wose w’ubusuku.

4 Ivyo wovuga mu kugashikiriza: Nuce make mu kugashikiriza. Ivyo bizotuma ushikiriza ubwo butumwa abantu benshi kuruta. Woshobora kuzovuga uti: “Ndiko ngira uruhara mu gikorwa kigirira akamaro abantu kiriko kirakorwa kw’isi yose co gushikiriza ubu butumwa buhambaye. Aka ndakabahaye ku buntu. Ndabinginze mugasome”. Mu vyibare bimwebimwe, hari aho vyoba vyiza umuntu atarinze gutwara ku mihana isakoshi akoresha mu kwamamaza. Uritwararika kuza urandika abantu bazoba bashimishijwe.

5 Ukuntu wohetura icibare cawe: Aho gutanga utwo dupapuro tw’Inkuru y’Ubwami igihe ushinga intahe mu mabarabara canke mu mayira, vyoba vyiza wibanze ku kudushikiriza ku rugero runini rushoboka igihe ushinga intahe inzu ku nzu canke mu cibare wakebewe kirangurirwamwo ivy’ubucuruzi be n’imirimo yo mu biro. Nuze urandika imihana utasanzeko abantu, hanyuma ugerageze gusubirayo mu wundi mwanya canke ku wundi musi wo mu ndwi. Guhera ku wa mbere igenekerezo rya 6 Munyonyo, ako gapapuro koshobora kuzosigwa aho tutazoba twasanze abantu ku mihana. Ariko rero, niba ishengero rifise akarere kanini kadashobora guheturwa mu kiringo cagenewe iryo sekeza, abakurambere boshobora kuraba nimba mu gihe c’iryo sekeza ryose abamamaji batoza barasigira utwo dupapuro tw’Inkuru y’Ubwami abo badasanze ku mihana.

6 Ugusangangurwa kwa ‘Babiloni Hahambaye’ kuregereje rwose. Abantu barakeneye kuvayo imbere y’uko isangangurwa buhere (Ivyah. 14:8; 18:8). Nugire ivyo uringanije ubu kugira uzogire uruhara rushitse muri iryo sekeza rizogirwa kw’isi yose ryo kumenyesha abantu bose yuko idini ry’ikinyoma rigiye gukurwaho.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika