ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/06 rup. 1
  • Ni ibiki ushira imbere y’ibindi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni ibiki ushira imbere y’ibindi?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ivyo bijanye
  • “Urankunda kurusha izi?”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Ukuntu wiruhura vyoba bikugirira akamaro?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ntureke ngo hagire ikigutandukanya na Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Dukoreshe umwanya wacu mu buryo buranga ubukerebutsi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 10/06 rup. 1

Ni ibiki ushira imbere y’ibindi?

1 Ico kibazo wocishura gute? Ego niko, twese turipfuza gushira imbere ivyungura Ubwami (Mat. 6:33). Mugabo twoshobora kwibaza duti: ‘Amahitamwo ngira yoba yerekana yuko ari vyo ndiko nshira imbere?’. Bibiliya ituremesha iti: “Nimwirimbure uko mu[ri]” (2 Kor. 13:5, UB). Twokwirimbura gute kugira tumenye yuko twoba turiko turashira imbere Ubwami?

2 Ukuntu dukoresha umwanya wacu: Twoshobora guhera ku gusuzuma ukuntu duhitamwo gukoresha umwanya wacu (Ef. 5:15, 16). Ku ndwi ku ndwi, tumara umwanya ungana iki tunezeranwa n’abandi, turaba televiziyo, tunyurangana mu mihora ya Internet canke turi mu dukorwa two kwisamaza? Hamwe twokwandika umwanya dukoresha mu bintu nk’ivyo maze tukawugereranya n’uwo tumara mu mirimo y’ivy’impwemu, hari aho twotangara. Twoba tubandanya gukora inyuma y’amasaha y’akazi turondera gusa kwironkera ibihinda, aho kuja mu murimo mweranda? Ni kangahe dusiba amakoraniro canke indimiro kugira twifatire ingendo mu mpera z’imishamvu tuja kwisamaza?

3 Nushinge ibikwiye kuja imbere y’ibindi: Benshi muri twebwe ntibafise umwanya ukwiye wo gukora ivyo bipfuza vyose. Kugira rero dushire imbere ivyungura Ubwami, turakeneye gusuzuma tukaraba ivyo dushira imbere y’ibindi, maze rero tugategekanya umwanya w’ “ibintu bihambaye kuruta ibindi” (Flp. 1:10; NW). Muri ivyo bintu bihambaye kuruta ibindi harimwo kwiga Ijambo ry’Imana, kugira uruhara mu busuku, kwitwararika umuryango no kwitaba amakoraniro ya gikirisu (Zab. 1:1, 2; Rom. 10:13, 14; 1 Tim. 5:8; Heb. 10:24, 25). Ibindi bikorwa, nk’ukwinonora imitsi mu buryo butarengeje urugero be n’ukwiruhura kwiza, ni ngirakamaro (Mrk. 6:31; 1 Tim. 4:8). Mugabo ivyo bintu bidahambaye cane bikwiye kugumizwa mu kibanza cavyo.

4 Umuvukanyi umwe akiri muto, yagerageje gushira imbere ivyungura Ubwami mu gutangura ubusuku bw’igihe cose aho gukurikirana amashure ahanitse kugira yitegurire kuzokora akazi ko mw’isi. Yarize urundi rurimi hanyuma arimuka aja gukorera ahari hakenewe gukorerwa kuruta ahandi. Yavuze ati: “Ntiworaba ukuntu ndiko ndyohererwa igihe ciza cane mu buzima bwanje ng’aha. Ubu busuku buraryoshe cane ntiworaba! Ico nipfuza ni uko abakiri bato bose bokora ikintu nk’iki na bo bakumva ukuntu niyumva. Nta kintu ciza na kimwe coza kiruta gukorera Yehova dukoresheje ivyo dufise vyose”. Ni vyo, gushira mbere Ubwami biraturonsa imihezagiro myinshi, ariko igihambaye kuruta, birahimbara Data wa twese wo mw’ijuru Yehova.—Heb. 6:10.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika