Woba ufise icibare cawe bwite?
1. Icibare cawe bwite ni iki?
1 Icibare cawe bwite ni kirya uba warakebewe. Gishobora kuba kiri ahantu habereye ku buryo ushobora kugishikira ningoga kandi ugashobora no kwamamaza waba uri wenyene canke uri kumwe n’uwundi mwamamaji. Naho ari ngirakamaro gukurikiza intunganyo zo mw’ishengero zijanye n’ukwamamaza mu migwi igihe bishoboka, kugira icibare cawe bwite ushobora gukoreramwo mu bindi bihe, birashobora gufasha mu vyo gushinga intahe inogangije, canecane nko ku mashengero afise icibare kinini.—Ivyak. 10:42.
2. Ni ivyiza ibihe biri mu kugira icibare cawe bwite?
2 Ivyiza bivamwo: Hari ababonye ko hari ibindi vyiza usanga biri mu kwamamaza mu cibare cabo bwite kiri hafi y’aho bakorera, mu gihe co kwivuna umusase canke ubwo nyene inyuma y’akazi. Abandi barakoreye hamwe hafi y’i muhira uko bagize umuryango nk’ikiringo c’isaha imwe imbere y’uko Inyigisho y’igitabu y’ishengero itangura. Ico vyavuyemwo, ni uko amasubirayo be n’inyigisho za Bibiliya baronse vyabaye ivya hafi, bica bituma bakoresha inguvu nke, umwanya muto be n’amahera make. Kubera ko umuntu ashobora gukora ibintu vyinshi mu mwanya muto, abamamaji bamwebamwe bifitiye ivyibare vyabo bwite vyoshobora kubafasha kuza barakora ubutsimvyi bwo gufasha canke mbere bagasaba ubutsimvyi bw’igihe cose. Ikigeretseko, dukoreye mu cibare cacu tukamenyana n’abahaba, birashobora gutuma batwizigira bikanatuma ivyo tubabwira tubihuza n’ibibaraje ishinga, gutyo ubusuku bwacu bukarushiriza kuba kirumara.
3. Ni ibiki umutsimvyi umwe yaronse icibare ciwe bwite yiboneye?
3 Umutsimvyi umwe yaremeshejwe n’umucungezi w’umuzunguruko gusaba icibare ciwe bwite avuga ati: “Naremeye iyo mpanuro maze bidatevye nca ndamenyerana n’ababa mu cibare canje kandi baca bacika abagenzi. Narahindura umwanya wo kubagendera bivanye n’ukuntu vyaborohera. Ico vyavuyemwo, ni uko amasubirayo nagize yongerekanye ava kuri 35 ashika ku yarenga 80 ku kwezi, kandi ubu mfise inyigisho za Bibiliya zo ku muhana indwi”.
4. Woshobora gute kuronka icibare cawe bwite no kugikoreramwo?
4 Ukuntu umuntu yokironka: Nimba ushaka gusaba icibare cawe bwite, nubibwire uwujejwe ivyibare. Ntiwitinye gutumira uwundi mwamamaji ngo mujane, kandi urama wandika abo utasanze i muhira. Ukwiye kugerageza guhetura ico cibare mu kiringo c’amezi ane. Nimba bitakworoheye kubigira, woshobora gusaba umucungezi w’Inyigisho y’igitabu y’ishengero urimwo canke abandi kugira ngo bagufashe. Amezi ane amaze kurangira, urashobora gusubiza ico cibare canke ugasaba gusubira kugikoreramwo. Ariko rero, ntukwiye kugumana ico cibare ibihe vyose ahubwo ukwiye kugisubiza kugira ngo n’abandi bashobore kugisaba. Nimba uri mw’ishengero rifise icibare gito kandi bikaba bidashoboka ko uronka icibare cawe bwite, kumbure woshobora gusaba umucungezi w’inyigisho y’igitabu urimwo agace gatoyi k’icibare.
5. Ni igiki gisabwa kugira ngo turangure igikorwa twahawe co kwamamaza?
5 Igikorwa twahawe co kwamamaza “mw isi yose” kirahambaye cane (Mat. 24:14). Gisaba ko tugira akigoro ko gukorana neza n’abandi. Turetse ivyo gushinga intahe mu migwi, kwamamaza mu cibare cacu bwite birashobora kudufasha gushikira abantu benshi bashoboka tubashiriye inkuru nziza.