Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Muny.
“Abantu benshi ntibahuza ku bijanye n’ukuntu umwana yorerwa muri iki gihe. Woba wibaza ko abavyeyi bashobora kuronka impanuro zo kwizigirwa? [Rindira yishure, uce usoma Zaburi 32:8.] Iki kinyamakuru kirerekana ubuyobozi ngirakamaro bwo muri Bibiliya ku bijanye n’ukurera umwana”.
Réveillez-vous! Muny.
“Woba urigera wibaza igituma hari imibabaro myinshi cane kandi hari Imana ifise urukundo, ubutungane n’ububasha? [Rindira yishure.] Raba ico iki canditswe kivuga ku bijanye n’igituma haba imibabaro. [Soma 1 Yohana 5:19.] Iki kinyamakuru kiratanga insiguro ishingiye kuri Bibiliya y’ico Imana iriko irakora kugira ngo ikureho imibabaro”.
Umunara w’Inderetsi 15 Muny.
“Abantu bamwebamwe, baravye ukuntu ubukozi bw’ikibi bwimonogoje mw’isi, baribaza bati: ‘Ni kubera iki nkwiye kwihatira gukora iciza?’. Woba urigera wiyumva gutyo? [Rindira yishure.] Ehe raba aya majambo aremesha. [Soma Imigani 2:21, 22.] Iki kinyamakuru kirasigura impamvu ihambaye kuruta izindi zose yotuma umuntu akora ivyiza.
Réveillez-vous! Muny.
“Hari abibaza ko Imana ari yo yobazwa ikintu cose gishika. Igihe icago cadutse, bavuga ko Imana itegerezwa kuba yari ifise imvo yumvikana yo gutuma kiba. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure, uce usoma Yakobo 1:13.] Iki kinyamakuru kirerekana ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’igituma haba imibabaro be n’ico Imana iriko irakora kugira iyikureho”.