ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/07 rup. 1
  • “Nta vyo nshaka”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Nta vyo nshaka”
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ivyo bijanye
  • Twitwararike abandi mu kuba abantu bahuza n’uko ibintu vyifashe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ukuntu twovyifatamwo neza mu ngorane zidushikira mu busuku bw’inzu ku nzu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Nube Umukozi w’Umunyamunezero
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
Igikorwa dukorera Ubwami—2007
km 1/07 rup. 1

“Nta vyo nshaka”

1 Mu turere tumwetumwe, ukwo ni ko abantu bakunda kuvuga igihe tubashiriye ubutumwa. Ni igiki kizodufasha kudacika intege igihe duhuye n’abantu batabinezwe mu cibare? Twoshobora gute kuvyurira abantu umutima wo gushimishwa n’inkuru nziza?

2 Tugume dufise umunezero: Kwibuka igituma abantu benshi batabinezwe, bizodufasha kuguma dufise umunezero. Abantu bigishijwe inyigisho y’uko ngo ibintu vyabayeho bivuye kw’ihindagurika canke abakuriye ahantu batemera yuko Imana ibaho, boshobora kuba batarimbuye agaciro Bibiliya ifise. Abandi boshobora kuba baravunywe umutima n’uburyarya babonye mu madini. Abandi na bo, ukutabinegwa kwabo kwoshobora kwerekana akababaro be n’ukwihebura bafise (Ef. 2:12). Bamwebamwe “ntibagira ico bitaho” (NW) kubera yuko baremerewe n’imyitwarariko y’ubuzima.—Mat. 24:37-39.

3 Naho bamwebamwe bavyakira nabi, turashobora kugira umunezero mu busuku, tuzi yuko utwigoro twacu tuninahaza Yehova (1 Pet. 4:11). Vyongeye, kuyaga ivyerekeye ukuri, naho twoba tubwira abo kutarashimisha, birakomeza ukwizera kwacu bwite. Nimuze twihatire kubona abantu bo mu cibare nk’uko Yehova ababona. Yaragiriye ikigongwe abantu b’i Ninewe “[batari bazi] gutandukanya ukuryo n’ukumoso” (Yona 4:11). Ababa mu cibare twakebewe barakeneye inkuru nziza. Ni co gituma tudakwiye kudendebukirwa, ahubwo dukwiye kurondera uturyo two gutuma bashimishwa n’ubutumwa bwo muri Bibiliya.

4 Tuganire ku bibaraje ishinga: Kumbure mu majambo yawe yo gutangura, woshobora gutanguza ikiyago kijanye n’ikintu kiraje ishinga abaho maze ugasaba uwo wasanze ku muhana guserura ivyiyumviro vyiwe. Igihe ariko aravuga, numutege yompi maze umwereke ubutumwa bwo muri Bibiliya buhumuriza bujanye n’ibimuraje ishinga. Inyuma y’icago cari cateye ahantu hamwe, hari Icabona yagenda arabwira abo asanze kw’irembo ryose amajambo yo kubirura. Yavuze ati: “Nagiye mbona abantu batangura kuyaga. Kuri uwo musi naragiranye n’abantu benshi ibiyago vyiza kubera yuko nagaragaje ko nitwararika ibijanye n’ubuzima bwabo”.

5 Ingorane yose abantu bahanganye na yo, izotorerwa umuti n’Ubwami bw’Imana. Nugerageze gutahura ingorane iraje ishinga cane uwo usanze ku muhana. Kumbure yoshobora kukureka ugasigura ubutumwa bwo muri Bibiliya butanga icizigiro. Nimba ataguhaye akaryo ko kubigira, hari aho yokwemera gutega yompi “ikindi gihe”.—Ivyak. 17:32, NW.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika