Woba witeguriye icago c’icaduka?
1. Ni kubera iki ari ibiranga ubukerebutsi kwitegurira ivyago vy’ivyaduka?
1 Ku mwaka ku mwaka, abantu amamiliyoni hirya no hino kw’isi, ushizemwo n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu, barasinzikazwa na vya nyamugigima, ibisebuzi batazira Tsunami, amasegenya yo muri Aziya aterwa n’imiyaga batazira mousson, ibivumbuzi, imvura z’ibihuhusi be n’imyuzure. Kubera ko ivyago vy’ivyaduka biza giturumbuka kandi bikaba bishobora gusinzikaza uwo ari we wese muri twebwe, vyoba biranga ubukerebutsi tuvyiteguriye.—Imig. 21:5.
2. Ni kubera iki dukwiye kwama nantaryo tumenyesha abakurambere aho tuba be n’inomero zacu za telefone?
2 Icago kitaraduka: Rimwe na rimwe, usanga abajejwe intwaro bashobora kutuburira ku bijanye n’icago cugarije. Birahambaye ko dutega yompi izo mburi (Imig. 22:3). Mu bihe nk’ivyo, abakurambere bazogerageza gushikira abagize ishengero bose kugira ngo babafashe kugira imyiteguro ikenewe. Inyuma y’icago, abakurambere bazogira kandi akigoro ko kubashikira kugira ngo barabe nimba bakomeye bongere barabe imfashanyo boba bakeneye. Mu gihe abakurambere batoba bafise amakuru agezweko yotuma babashikira, barashobora gutakaza umwanya w’agaciro. Ni vyiza rero ko abamamaji baguma bamenyesha umunyamabanga be n’umucungezi w’inyigisho y’igitabu bakukira, aho baba be n’inomero zabo za telefone.
3. Twokorana neza gute n’abakurambere mu gihe twoba tuba mu karere gakarirwa n’ivyago vy’ivyaduka?
3 Mu gihe ishengero ryoba riri mu karere gakarirwa n’ivyago vy’ivyaduka, abakurambere bosaba abamamaji gutanga izina be n’inomero za telefone vy’incuti canke umugenzi ataba muri iyo micungararo kandi yoshobora guhamagarwa mu gihe hari ibintu vyihutirwa bibaye. Ivyo bizotuma abakurambere bashobora kumenya aho abahunze bari. Abakurambere boshobora kandi gutegurira ishengero intunganyo y’integabizoza, ivyo bikaba birimwo nk’urutonde rwo kwiyibukirizako ibintu bikunze gukenerwa umuntu akwiye kugumana hafi, ingene bohungisha abantu be n’intunganyo zo gusahiriza abari n’ivyo bakeneye bidasanzwe. Gukurikiza neza izo ntunganyo ziranga urukundo birahambaye cane.—Heb. 13:17.
4. Dukwiye gukora iki mu gihe icago cadutse mu karere tubamwo?
4 Icago kimaze kwaduka: Wokora iki mu gihe icago cadutse mu karere ubamwo? Nurabe neza ko umuryango wawe waronse ivyo ukeneye muri ako kanya vyo mu buryo bw’umubiri. Nusahirize uko ushoboye kwose mu vyo abandi basinzikajwe n’ico cago bakeneye. Nugire akigoro ko gushikira canke kuvugana mu maguru masha n’umucungezi w’inyigisho y’igitabu ukukira canke uwundi mukurambere. Ivyo urakwiye kubigira naho woba udora kandi udakeneye imfashanyo. Mu gihe woba ukeneye imfashanyo, numenye neza ko abavukanyi bawe bariko barakora uko bashoboye kwose kugira ngo bagufashe (1 Kor. 13:4, 7). Niwibuke yuko Yehova azi neza uko ivyawe vyifashe. Numwihekeko kugira ngo akuramire (Zab. 37:39; 62:8). Nugume urondera uturyo two gufasha abandi mu buryo bw’impwemu no gutuma bumva baremye mu mutima (2 Kor. 1:3, 4). Nusubire ku rutonde wahorana rw’ibikorwa vya gitewokarasi udatevye.—Mat. 6:33.
5. Ukwitega icago c’icaduka, bigira ico bikoze gute kuri twebwe abakirisu?
5 Naho ukwitega icago c’icaduka bituma isi igumana umutima uhagaze, tweho turashobora kwitega kazoza dufise icizigiro. Vuba, ivyago vyose vy’ivyaduka bizoba bisigaye ari umugani (Ivyah. 21:4). Mu kurindira, turashobora gukora ibishoboka vyose kugira ngo twitegurire ibihe vy’umudurumbanyo n’ingorane, yamara tukaguma dufise umwete mu gutangaza inkuru nziza ku bandi.