ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/07 rup. 8
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2007
km 6/07 rup. 8

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Rus.

“Iyo abavyeyi babuze umwana baragira umubabaro mwinshi cane kandi udahera. Wibaza ko ari hehe bashobora gukura impumurizo? [Rindira yishure, uce usoma Abaroma 15:5.] Iki kinyamakuru kiraca iryo n’ino bumwebumwe mu buryo Imana ikoresha mu guhumuriza abari mu mubabaro”.

Réveillez-vous! Rus.

“Abantu bamwebamwe usanga bamerewe neza mu vy’ubutunzi mu gihe abandi amamiliyoni babayeho mu bukene. Woba wibaza ko hazoteba hakabaho igihe aho ubwo busumbane buzoba butakiriho? [Rindira yishure.] Ehe raba ukuntu Imana ibona abakene. [Soma Zaburi 22:24.] Iki kinyamakuru kirasigura icizigiro Bibiliya itanga ku vyerekeye abakene”.

Umunara w’Inderetsi 15 Rus.

“Kino kibazo mwebwe mwocishura gute? [Soma ikibazo kiri ku gipfukisho, hanyuma urindire yishure.] Bibiliya iraduha imvo yotuma tugira icizigiro. [Soma Matayo 6:9, 10.] Iki kinyamakuru kirasigura ukuntu Ubwami bw’Imana buzotuma ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi”.

Réveillez-vous! Rus.

“Woba wibaza ko ivyo dukora be n’ibizodushikira ari ivyo Imana yateguye imbere y’igihe? [Rindira yishure.] Nk’uko uwu murongo wo muri Bibiliya uvyerekana, Imana irareka abantu bakihitiramwo uburyo babaho. [Soma Gusubira mu vyagezwe 30:19.] Iki kiganiro kirerekana ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ico kintu”. Mwereke ikiganiro gihera ku rupapuro rwa 12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika