Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Rus.
“Iyo abavyeyi babuze umwana baragira umubabaro mwinshi cane kandi udahera. Wibaza ko ari hehe bashobora gukura impumurizo? [Rindira yishure, uce usoma Abaroma 15:5.] Iki kinyamakuru kiraca iryo n’ino bumwebumwe mu buryo Imana ikoresha mu guhumuriza abari mu mubabaro”.
Réveillez-vous! Rus.
“Abantu bamwebamwe usanga bamerewe neza mu vy’ubutunzi mu gihe abandi amamiliyoni babayeho mu bukene. Woba wibaza ko hazoteba hakabaho igihe aho ubwo busumbane buzoba butakiriho? [Rindira yishure.] Ehe raba ukuntu Imana ibona abakene. [Soma Zaburi 22:24.] Iki kinyamakuru kirasigura icizigiro Bibiliya itanga ku vyerekeye abakene”.
Umunara w’Inderetsi 15 Rus.
“Kino kibazo mwebwe mwocishura gute? [Soma ikibazo kiri ku gipfukisho, hanyuma urindire yishure.] Bibiliya iraduha imvo yotuma tugira icizigiro. [Soma Matayo 6:9, 10.] Iki kinyamakuru kirasigura ukuntu Ubwami bw’Imana buzotuma ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi”.
Réveillez-vous! Rus.
“Woba wibaza ko ivyo dukora be n’ibizodushikira ari ivyo Imana yateguye imbere y’igihe? [Rindira yishure.] Nk’uko uwu murongo wo muri Bibiliya uvyerekana, Imana irareka abantu bakihitiramwo uburyo babaho. [Soma Gusubira mu vyagezwe 30:19.] Iki kiganiro kirerekana ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ico kintu”. Mwereke ikiganiro gihera ku rupapuro rwa 12.