Turaha agaciro uduteka twatewe
1 Kuva abantu babayeho, Yehova yagiye aratera abasavyi biwe uduteka twinshi kandi dutandukanye. Yatubatera ataravye igitsina bafise, imyaka bafise, canke ikibanza bafise mu kibano (Luka 1:41, 42; Ivyak. 7:46; Flp. 1:29). None ni uduteka nyabaki adutera muri iki gihe?
2 Uduteka tumwetumwe dufise: Turafise agateka ko kwigishwa na Yehova (Mat. 13:11, 15). Turifitiye kandi agateka ko gushemeza Yehova biciye ku nsasanuro dutanga mu makoraniro (Zab. 35:18). Igihe turonse akaryo ko gutanga insasanuro, tubigira tubishashaye. Mu buryo busa n’ubwo, mu gihe tubona ko igikorwa ico ari cose dushinzwe gukora mw’ishengero ari agateka tuba dutewe, tuzocitwararika uko dushoboye kwose. Twoba twama tugira uruhara mu gateka kajanye no kubunganbunga Ingoro y’Ubwami kugira igume isukuye kandi imeza neza?
3 Naho abantu amamiliyoni usanga bibaza nimba Imana yumviriza amasengesho bayitura, turifitiye agateka kubera ko amasengesho yacu yumvirizwa n’Umwe ahambaye kuruta abandi bose mw’ijuru no kw’isi (Imig. 15:29). Yehova ni we ubwiwe yiyumviririza amasengesho abasavyi biwe bamutura (1 Pet. 3:12). Nta karimbi adushingira ku bijanye n’incuro dushobora kumwitura mw’isengesho. Mbega ingabirano y’agaciro twifitiye yo kuba dushobora gusenga “ibihe vyose”!—Ef. 6:18.
4 “Abakozi bakorana n’Imana”: Kamwe mu duteka twiza kuruta utundi dufise, ni ako kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana turi “abakozi bakorana n’Imana” (1 Kor. 3:9, NW). Ico ni igikorwa kimara akanyota kandi kiruhura (Yoh. 4:34). Ntivyari ngombwa ko Yehova akoresha abantu kugirango arangure ico gikorwa, mugabo yarakidushinze kubera ko adukunda (Luka 19:39, 40). Mu kubigenza gutyo, si uwo ari we wese Yehova yateye ako gateka. Abagira uruhara mu busuku burangurirwa ku mugaragaro hari ibisabwa mu vy’impwemu bategerezwa kuba bakwije kandi bakabizigama (Yes. 52:11). Twoba twerekana ko duha agaciro ako gateka mu guha ubusuku ikibanza gihambaye mu vyo dukora buri ndwi?
5 Uduteka Yehova atanga dutuma dushira akanyota mu buzima (Imig. 10:22). Ntitwigere tudufata minenegwe! Mu gihe twerekanye ko duha agaciro vy’ukuri uduteka twatewe tujanye n’ubusuku, biratuma Data wa twese wo mw’ijuru, wa Mutanzi w’ “ingabirano nziza yose be n’impano itunganye yose” ahimbarwa.—Yak. 1:17, NW.