Bamamaji b’Ubwami bakundwa,
Ese ingene twahimbawe no kubona ukuntu igikorwa cateye imbere mu karere ko muri Afirika yo mu Buseruko mu mwaka w’umurimo wa 2007! Abatsimvyi badasanzwe n’abasanzwe benshi cane bararungikwa gukorera muri aka karere kacu, kandi ivyo biriko biragira ikintu ciza bikoze ku gikorwa co kwamamaza. Igikorwa c’ukwubaka ibiro vy’ishami vyo muri Tanzaniya kirabandanya neza. Vyari biteye umunezero kubona ibiro vy’ishami vyo mu Burundi vyegurirwa Imana ku wa 25 Munyonyo 2006, ivyo mu Rwanda ku wa 2 Kigarama 2006, ivyo muri Uganda na vyo ku wa 20 Nzero 2007. Mu kwezi kwa Ndamukiza, Sudani yarashikiriye igitigiri gishasha c’abamamaji 1.508. Turakwiye kubandanya twibuka gushira mu masengesho abavukanyi bacu bo muri Eritreya. Muri iki gihe, abavukanyi 23 ni bo bari mw’ibohero, bamwe bakaba bamazeyo imyaka irenga 12.
Muri aka karere kacu, haratanzwe amamiliyoni n’amamiliyoni ya ka gapapuro k’Inkuru nziza y’Ubwami No. 37, kavuga ngo “Idini ry’ikinyoma rigiye gukurwaho!”. Umuvukanyikazi umwe yari yarahororokewe wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, amaze kuronka ako gapapuro k’inkuru nziza no kugasoma, ntiyabaye agitora agatiro. Ku w’iyinga wakurikiye, yaritavye ikoraniro maze asaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Hari abashimishijwe bujuje ca kibanza kiri inyuma kuri ako gapapuro k’Inkuru nziza y’Ubwami basaba guhabwa ka gatabu Mwame mugavye! no kugirirwa inyigisho za Bibiliya.
Amasekeza nk’ayo afise intumbero yo gufasha abantu b’imitima nziraburyarya kumenya ivyo mu vy’ukuri Bibiliya yigisha (Mat. 28:19, 20). Mu gihe mwamamaza, muribuka kwitwararika uwashimishijwe uwo ari we wese, maze musubire kumugendera mufise intumbero yo gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Turahimbarwa no gukora dusenyera ku mugozi umwe namwe muri iki gikorwa gihambaye, tukaba tubarungikiye indamukanyo zacu za kivukanyi zirangwa igishika n’urukundo.
Abavukanyi banyu,
Ibiro vy’ishami vyo mu Burundi, Kenya, Tanzaniya na Uganda