Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Muny.
“Woba wibaza ko isi yoshobora kuba ikibanza ciza kuruta hamwe abantu borushiriza kugaragaza ukwicisha bugufi? [Rindira yishure.] Raba ico Yezu yavuze ku bijanye n’iyo kamere. [Soma Matayo 23:12.] Iki kinyamakuru kirerekana mu buryo bugera kure agaciro ko gutsimbataza ukwicisha bugufi, mbere no muri iyi si irangwa n’agatima ko guhiganwa”.
Réveillez-vous! Muny.
“Aho hambere hahise, abantu barakunda kuronderera ubuyobozi muri Bibiliya. Ariko ubu abenshi bavuga ko bayifiseko amakenga. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure, uce usoma muri 2 Timoteyo 3:16.] Iyi Réveillez-vous! idasanzwe iratanga ibimenyamenya ntaharirizwa vyerekena ko Bibiliya yahumetswe n’Imana”.
Umunara w’Inderetsi 15 Muny.
“Twese turipfuza kugira ubuzima buhimbaye kandi buri n’ico buvuze. Woba wemeranya n’ibi bintu Yezu yavuze ng’aha ku bijanye n’ikintu nyamukuru gituma umuntu agira agahimbare? [Soma Matayo 5:3, uce urindira yishure.] Iki kinyamakuru kirasigura ukuntu kwironsa ikintu tuvuka dukeneye kijanye n’ugusenga Imana bituma tugira ubuzima buri n’ico buvuze”.
Réveillez-vous! Muny.
“Muri iyi myaka irangwa na siyansi be n’ugukekeranya, abantu benshi bibaza ko Bibiliya yataye igihe. Wewe ivyo uvyibazako iki? [Rindira yishure.] Woba wari uzi yuko ikintu cose cavuzwe muri Bibiliya kijanye na siyansi usanga kitagiramwo amakosa? [Soma Yobu 26:7.] Iyi Réveillez-vous! idasanzwe iratanga imvo zijijura zerekana igituma Bibiliya ikwiye kwizigirwa”.