Isekeza ridasanzwe ryo gushikiriza agapapuro k’inkuru nziza 20 Gitugutu–16 Munyonyo
1 Guhera ku musi wa mbere igenekerezo rya 20 Gitugutu gushika indwi zine zirangiye, tuzoba turiko turagira uruhara mw’isekeza ridasanzwe ryo gushikiriza abantu agapapuro k’inkuru nziza gashasha kavuga ngo Woba ushaka kumenya Ukuri? Turizigiye yuko iryo sekeza rizogirwa hirya no hino kw’isi rizotuma abantu barushiriza gushimishwa na rya soko rimwe rudende ry’ukuri.—Yoh. 17:17.
2 Ako gapapuro karatanga inyishu zirashe zishingiye kuri Bibiliya z’ibi bibazo bitandatu bihambaye: “Imana yoba itubabaye koko?” “Intambara n’ugucumukura vyoba bizokwigera bihera?” “Bitugendera gute iyo dupfuye?” “Hoba hariho icizigiro ku bapfuye?” “Nosenga gute kugira Imana inyumve?” hamwe n’ikivuga ngo “Noshobora gute kuronka agahimbare mu buzima?” Amadini y’abiyita abakirisu ntiyigeze yishura ivyo bibazo mu buryo bumara akanyota. Mbere n’abantu benshi bavuga yuko batari abakirisu baramaze kwibaza ibibazo nk’ivyo, mugabo boshobora kuba batazi ko inyishu zitomoye tuzisanga muri Bibiliya. Ni co gituma twiteze ko ubwo butumwa buzokwegera abantu benshi.
3 Nuheture icibare wakebewe: Urihatira guhetura igice kinini gishoboka c’icibare ukoreramwo ubusuku bw’inzu ku nzu. Nimba ufise icibare kinini cane, abakurambere boshobora kukuremesha gusiga ako gapapuro k’inkuru nziza ku mihana utazoba wasanzeko abantu igihe ubagendeye ari bwo bwa mbere. Uribuka guha ako gapapuro k’inkuru nziza ababanyi, incuti, abo muzinanye ku kazi canke kw’ishure be n’abandi bantu mukunze kuba muyaga. Kumbure woshobora gutunganya ivyawe kugira ngo ukore ubustimvyi bwo gufasha muri Gitugutu canke muri Munyonyo. Woba ufise umwana canke umutohoji wa Bibiliya ariko atera imbere neza mu vy’impwemu kandi akaba yoba akwije ibisabwa kugira ngo yifadikanye natwe muri iryo sekeza ari umwamamaji atarabatizwa? Nimba ahari, nubimenyeshe abakurambere.
4 Ico wovuga: Kugira ngo uzoshikirize abantu benshi ubwo butumwa, bizoba vyiza ugiye urabushikiriza muri make. Nubaze gusa abo usanze ku muhana kimwe muri birya bibazo bitandatu biri kuri ako gapapuro, hanyuma uce ubereka inyishu yaco muri ko. Ivyo bizotuma abamamaji bose bashobora guhuza uburyo bwabo bwo gushikiriza inkuru nziza n’ivyo abantu bo mu cibare bakeneye. Nimba hari uwushimishijwe, nugire utwo wanditse kubimwerekeye, maze uzosubire kumugendera. Ku mpera z’imishamvu, ibinyamakuru vya vuba bizoshikirizwa biri kumwe n’ako gapapuro k’inkuru nziza. Inyuma y’iryo sekeza, irizorangira ku wa 16 Munyonyo, tuzoca dushikiriza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Udupapuro tw’inkuru nziza twose tuzoba twasigaye, tuzokoreshwa nk’uko utundi dusanzwe dukoreshwa.
5 Nutanguze inyigisho ya Bibiliya: Ako gapapuro k’inkuru nziza kagenewe canecane kudufasha gutanguza inyigisho za Bibiliya. Igihe uzoba usubiye kugendera umuntu yashimishijwe, woshobora kumubaza ukuri kwo muri Bibiliya kwamuhumurije canke kwamuruhuriye? Numwereke ku rupapuro rwa nyuma rw’ako gapapuro aherekana ukuntu tuyoborera umuntu inyigisho ya Bibiliya, maze uce umuha ca gitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Nimba bishoboka, nimurimbure muri make ingingo imwe canke zibiri zo mu kigabane kirimwo amakuru menshi yerekeye ikibazo yahisemwo.
6 Yehova ariko ararondera abazomusenga “mu mpwemu no mu kuri.” (Yoh. 4:23) Ese twese twogira uruhara muri iryo sekeza ridasanzwe kugira ngo dufashe abandi kumenya ukuri!