ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/09 rup. 1
  • Twitegurire Icibutso bimwe binogangije

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twitegurire Icibutso bimwe binogangije
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ivyo bijanye
  • Ivyibukijwe ku vyerekeye Icibutso
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ivyibukijwe ku vyerekeye Icibutso
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ivyibukijwe ku vyerekeye Icibutso
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ivyibukijwe ku vyerekeye Icibutso
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2009
km 3/09 rup. 1

Twitegurire Icibutso bimwe binogangije

Mbega umunezero n’agateka ku bigishwa ba Kristu kwitegurira bimwe binogangije ijoro aho twibuka urupfu rwa Yezu Kristu! (Luka 22:19) Ni ibintu ngirakamaro ibihe dukwiye kugira mu kwitegurira Icibutso?

◼ Isaha n’ikibanza: Umwe wese akwiye kuba azi neza isaha ico Cibutso kizoberako be n’ikibanza nyezina kizoberamwo. Nimba hari amashengero azobisikanya mu Ngoro y’Ubwami imwe, birahambaye ko dushika ku gihe kandi tukahava ata musunikano, kuko umwanya uca hagati y’amakoraniro usanga ari mutoyi. Tuzogira akigoro kugira twirinde kurundana bidakenewe mu rwinjiriro, kw’ibarabara be n’ahahagarikwa imiduga.

◼ Ubutumire: Abamamaji bose, boba bafise udukaratasi tw’ubutumire kandi bakaba bazi ibiri muri two? Woba waragize imyimenyerezo y’ukuntu uzoshikiriza ubwo butumire? Ni bande uzoha ubutumire? Harakwiye kuzogirwa utwigoro kugira ngo ubutumire bwose butangwe.

◼ Kwunguruza abantu: Hari abashimishijwe be n’abavukanyi n’abavukanyikazi boshobora kuba bakeneye ikibunguruza canke gufashwa mu bundi buryo. Ni ibiki vyaringanijwe kugira ngo bafashwe?

◼ Ibimenyetso: Muraraba neza ibimenyetso ntibizotemberezwe izuba ritararenga. Harakwiye kugira ibiringanizwa kugira ngo nimba hari abo mu basizwe bafise ingorane z’amagara badashobora kuhashika, mubashire ibimenyetso. Umukate be n’umuvinyu bibereye bikwiye kuba vyabonetse kandi vyateguwe.—Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruhuhuma 2003, urupapuro rwa 14-15, ingingo ya 14, 17 be n’ikete ryo ku wa 23 Kigarama 2003.

◼ Ingoro y’Ubwami: Ingoro ikwiye gusukurwa bimwe binogangije imbere y’igihe. Amasahani, ibirahuri, imeza be n’igitambara c’imeza bibereye, bikwiye kuba vyazanywe ku ngoro bigashirwa mu kibanza cavyo hakiri kare. Nimba hazokoreshwa ikindi kibanza ku bw’iryo koraniro, nimurabe neza ko hazoba hariho ivyuma biduza neza amajwi kugira ngo abazoba bahari bashobore kwumva umushikirizansiguro. Abakira abantu n’abatembereza ibimenyetso bakwiye gucagurwa kandi bagasigurirwa hakiri kare ivyerekeye ibikorwa bashinzwe, uburyo bubereye bw’ukubirangura be n’ivy’uko bakeneye kwambara no kwitunganya mu buryo buranga urupfasoni.

Kuri uwo musi udasanzwe w’Icibutso c’urupfu rwa Yezu Kristu, dukwiye kuba twiteguye bimwe binogangije, umwe wese ku giti ciwe be n’ishengero muri rusangi. Ata gukeka, Yehova azoduhezagira cane abo bose berekana ko bakenguruka bivuye ku mutima ibintu vyose yahaye umuryango w’abantu biciye ku kimazi c’Umwana wiwe mukundwa Yezu Kristu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika