ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/09 rup. 2
  • Twigishe abatazi gusoma neza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twigishe abatazi gusoma neza
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ivyo bijanye
  • Niwijukire Gusoma
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ingene twofasha abantu bigora gusoma
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Igituma bihambaye ko abana bamenya gusoma: Igice ca 1: Gusoma canke kuraba ividewo?
    Icofasha umuryango
  • Ukuntu Bibiliya yorushiriza kukugirira akamaro
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2009
km 4/09 rup. 2

Twigishe abatazi gusoma neza

1. Ni ingorane iyihe twoshobora guhura igihe turi mu busuku?

1 Igihe turi mu busuku bwacu, rimwe na rimwe turahura n’ingorane yo kwigisha ukuri abantu bigora gusoma. Ni igiki none twokora?

2. Ni gute twotera iteka abatazi gusoma neza, kandi kubera iki?

2 Twubahirize agateka kabo: Ukuntu umutima w’umuntu uba umeze ni co kintu gihambaye kuri Yehova si amashure yo muri iyi si yize. (1 Sam. 16:7; Imig. 21:2) Ku bw’ivyo, ntidukengera abatazi gusoma neza. Bene abo bantu bazorushiriza kwemera imfashanyo tubaha igihe tubagaragarije icubahiro kandi tukabihanganira. (1 Pet. 3:15) Ivyo vyoshobora kuba birimwo ukudahata uwo muntu ngo asome icanditswe canke ingingo. Umuntu agiye aratera imbere mu kwiga ukuri kw’agaciro kwo muri Bibiliya, yoshobora kurushiza kwumva ashashaye kuryohora ubushobozi bwiwe bwo gusoma kugira yironkere umunezero wo gusoma Ijambo ry’Imana “n’ijwi ritoyi umurango n’ijoro.”—Zab. 1:2, 3, NW.

3. Ni uburyo bwo kwigisha ubuhe bwokoreshwa mu kwigisha abantu batazi gusoma neza?

3 Uburyo bwo kwigisha twokoresha mu kuyobora inyigisho za Bibiliya: Amashusho ni uburyo bwiza cane bwo kwigisha kandi bufasha umuntu kwibuka ivyo aba yize. Woshobora kubaza uwo muriko muriga ico yiyumvira kw’ishusho iri mu gitabu uriko urakoresha. Nuce ukoresha ibibazo bitomoye kugira umufashe gutegera ico iyo shusho yigisha. Nukoreshe ivyanditswe bishigikira ivyiyumviro binaka biserurwa n’iyo shusho. Amashusho yoshobora kandi gukoreshwa mu kugira isubiramwo ry’ico cigwa. Ntumwigishe ibintu vyinshi cane mu gishingo kimwe. Nushimike ku mutwe nyamukuru w’ico cigwa be no ku vyiyumviro nyamukuru biri muri co, kandi wirinde gushiramwo ibintu bitari mu vyo muriko muriga. Nusome ivyanditswe muri Bibiliya maze ukoreshe ibibazo kugira urabe ko uwo mutohoji atahura ivyasomwe. Ivyo vyoshobora gutuma icipfuzo afise co kuryohora ubuhanga bwiwe bwo gusoma congerekana kugira yironderere we ubwiwe kumenya ibindi bintu vyo muri Bibiliya.

4. Twoshobora gute gufasha uwo twigana Bibiliya kuryohora ubushobozi bwiwe bwo gusoma?

4 Ivyobafasha kuryohora ubusomyi: Abantu batazi gusoma neza canke baronse akaryo gato ko kwiga gusoma neza, boshobora gutahura neza cane amakuru kandi bakayagumya mu bwenge. Bene abo bantu woshobora kubaremesha gukoresha amakaseti canke utudisiki two kwumviriza boshobora kuronka twafatiweko ibitabu vyacu. Uwo mutohoji yumvirije neza uwuba ariko arasoma mu gihe na we aba ariko arakurikira mu gitabu ciwe, mbere akaza arasubiramwo n’ijwi ritoyi amajambo uwo musomyi avuga, bizomufasha kuryohora ubusomyi bwiwe. Hari aho yosanga na ka gatabu Niwijukire Gusoma no Kwandika kamufashije. Mu mihingo imwimwe, abakurambere boshobora no gutunganya ivyigwa vyo gusoma mw’ishengero. Izo nama ngirakimazi twoshobora kuzikorako mu gufasha abatazi gusoma neza kugira batahure “ivyanditswe vyeranda,” ibishobora kubagira inkerebutsi ku bw’ubukiriro.—2 Tim. 3:15.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika