Nukoreshe Bibiliya ubigiranye ubuhanga
1. Ni kubera iki Bibiliya ari ngirakamaro cane?
1 Gukoresha Ijambo ry’Imana ryahumetswe tubigiranye ubuhanga, biratuma dushobora gutangaza ukuri no kukwigisha mu buryo butomoye be no gushira ku kabarore inyigisho z’ikinyoma hamwe n’imigenzo y’abantu.—2 Tim. 2:15; 1 Pet. 3:15.
2. Ni ibiki bizodufasha kurushiriza kugira ubuhanga bwo gutora aho ivyanditswe biri?
2 Nurushirize kumenya ibirimwo: Nk’uko biri ku gikoresho ico ari co cose, umuntu agira ubuhanga bwo gukoresha ikintu uko arushiriza kukimenyera. Gusoma Bibiliya yose uko ingana biratuma utahura muri rusangi iciyumviro nyamukuru kirimwo. Ivyo biragufasha kandi kwibuka ivyanditswe no kurushiriza gutora aho biri bitagoranye. Uko urushiriza kumenya Ivyanditswe, ni ko uzorushiriza kuvugana umwete n’ubujijutsi igihe ubwira abandi inkuru nziza akaryo kizanye be no mu busuku bwo mu ndimiro.—1 Tes. 1:5.
3, 4. (a) Ni uburyo bumwebumwe ubuhe dushobora gukoresha kugira ngo turushirize kumenya Bibiliya? (b) Hoba hariho ubundi buryo wakoresheje kugira ngo urushirize kumenya Ivyanditswe?
3 Nugire akamenyero ko kuzingurura Bibiliya yawe kandi ukurikire muri yo mu gihe c’amakoraniro y’ishengero. Igihe uriko uriyigisha be n’igihe utegura amakoraniro y’ishengero, nusome ivyanditswe vyatanzwe wongere uzirikane ku kuntu vyoshirwa mu ngiro. Abantu benshi babona ko aho gusoma ibisomwa vya Bibiliya kuri orodinateri canke ku mpapuro bicapuriye, kuvyisomera muri Bibiliya ari vyo bituma umuntu yoroherwa no gutora aho biri mu nyuma abikeneye mu busuku.—Yoh. 14:26.
4 Imiryango imwimwe yaratunganije umwanya wo gufata ku mutwe imirongo yo muri Bibiliya. Ivyo vyoshobora kugirwa mu gukoresha udupapuro twanditseko ku ruhande rumwe aho icanditswe kinaka kiri be n’amajambo yaco ku rundi. Baca baguma bakurakuranwa mu kudukoresha kugira ngo barabe niba boshobora gusubiramwo mu majambo ico canditswe canke nimba bokwibuka aho kiri. Kuza turimenyereza uburyo bwo gushikiriza inkuru nziza mu ndimiro be n’ukuntu twokwishura dukoresheje Bibiliya igihe havyutse amajambo yohava ahagarika ikiyago canke havyutse ikibazo, na vyo nyene biratuma turushiriza kugira ubuhanga.
5. Ni kubera iki dukeneye kwongereza ubuhanga bwacu ku bijanye na Bibiliya?
5 Nta kindi gitabu na kimwe coshobora kugereranywa na Bibiliya. Ni yo yonyene yanditswemwo ibintu bishobora gutuma abantu baba “inkerebutsi ku bw’ubukiriro.” (2 Tim. 3:15) Kubera yuko benshi mu bantu bo mu cibare cacu batazi itunga ry’agaciro dusanga muri Bibiliya, turafise imvo yumvikana yo kwongereza ubuhanga bwo kubereka ico vy’ukuri Bibiliya ishobora kubaronsa.—Imig. 2:1-5.