Intunganyo igenewe abasuku bakirisu
1. Ni indinganizo nshasha iyihe yatangujwe mu 1938, kandi hari ku bw’iyihe ntumbero?
1 Mu 1938, ishirahamwe rya Yehova ryaratanguje indinganizo nshasha. Imigwi y’amashengero yaratumiwe ngo ize iritaba amateraniro ya zone, ayitwa ubu amateraniro y’umuzunguruko. Uti ku bw’iyihe ntumbero? Ikinyamakuru kijanye n’ubusuku co muri Nzero 1939 citwa Informateur (ubu kikaba citwa Igikorwa dukorera Ubwami) cishura giti: “Ayo materaniro ni kimwe mu vyo Ishirahamwe rya gitewokarasi rya Yehova ryatunganije kugira ngo umurimo wiwe w’Ubwami urangurwe. Inyigisho zihatangirwa ni ntahara kugira ngo uwo ari we wese akore neza igikorwa yashinzwe.” Turavye iyongerekana ry’abamamaji b’Ubwami, abavuye ku 58.000 gusa mu 1938 bagashika ku barenga 7.000.000 mu 2009, bica vyigaragaza ko amateraniro y’umuzunguruko ariko arashitsa intumbero yayo yo gufasha abasuku ‘gukora igikorwa bashinzwe’!
2. Ni ibiki bizoshikirizwa kw’iteraniro ry’umuzunguruko tuzogira mu mwaka w’umurimo uza?
2 Umutwe-shimikiro w’iteraniro ryo mu mwaka uza: Turarindiranye igishika iteraniro ry’umuzunguruko rizotangura muri Nyakanga hamwe n’indemesho tuzoharonkera. Umutwe-shimikiro w’iryo teraniro uzoba uvuga ngo ‘Ntimuri ab’isi,’ ukaba wakuwe muri Yohani 15:19. None zimwezimwe mu nsiguro abasuku bakirisu batazobura kwungukirako ni izihe? Ku wa gatandatu tuzokwumva insiguro ivuga ngo “Umurimo w’igihe cose uradukingira—Gute?” Tuzohimbarwa kandi no gukurikira insiguro y’ibice bitatu igira iti: “Ntiwanduzwe na . . . ” “Ca gikoko,” “Wa mumaraya akomeye,” be na “Abadandaza b’ingenzi.” Ku w’iyinga tuzokwumva insiguro y’ibice vyinshi ifise umutwe uvuga ngo: “Nukunde Yehova, ntukunde isi.” Hazoba hari n’izindi nsiguro, nk’akarorero iyivuga ngo “Nimugume muri ‘nka ba kavamahanga n’ingenzi,’ ” be n’iyivuga ngo “Gira umutima rugabo! Urashobora gutsinda isi.”
3. Ni ivyiza ibihe tuzokwironkera nitwitaba iteraniro ry’umuzunguruko?
3 Aho mushiki wacu umwe yari yarahororokewe mu busuku amariye kwitaba rimwe mu materaniro y’umuzunguruko duheruka kugira, yanditse yuko iryo teraniro ryatumye asubira gusuzuma ivyiwe uko vyifashe maze yiyemeza “kuja mu ndimiro no kureka kwirondeza ivyitwazo!” Nta gukeka ko iteraniro ry’umuzunguruko ryo mu mwaka w’umurimo uza rizodufasha twese gukunda Yehova aho gukunda isi. (1 Yoh. 2:15-17) Nugire uko ushoboye kwose uzobe ari ho uri kandi ukurikire ata gusamara kugira ngo wungukire bimwe bishitse kuri iyo ntunganyo iranga urukundo igenewe abasuku bakirisu.