Urashobora gushinga intahe akaryo kizanye!
1. (a) Gushinga intahe akaryo kizanye bisobanura iki? (b) Mu bari kuri rino koraniro, ni bangahe bumvise ukuri ari bwo bwa mbere biciye ku gushinga intahe akaryo kizanye?
1 Ni bangahe mw’ishengero iwanyu bumvise ukuri ari bwo bwa mbere biciye ku gushinga intahe akaryo kizanye? Inyishu y’ico kibazo yoshobora kugutangaza. Gushinga intahe akaryo kizanye bisobanura kubwira inkuru nziza abantu duhura turi mu bikorwa vya misi yose, nk’igihe dufashe urugendo, igihe tugendeye incuti canke ababanyi, kibure igihe tugiye gusuma, be n’igihe turi kw’ishure, ku kazi, be n’ahandi. Mu mugwi umwe w’Ivyabona barenga 200 babatijwe, ibice 40 kw’ijana muri bo babwiwe inkuru nziza ari bwo bwa mbere biciye ku gushinga intahe akaryo kizanye! Ku bw’ivyo, ubwo buryo bwo kwamamaza buravamwo ivyiza vyinshi.
2. Ni uburorero ubuhe bujanye no gushinga intahe akaryo kizanye dusanga mu Vyanditswe?
2 Abamamazanjili bo mu kinjana ca mbere barakunda gushinga intahe akaryo kizanye. Nk’akarorero, igihe Yezu yari ku rugendo i Samariya, yarabwiye inkuru nziza umugore umwe yariko aravoma amazi kw’isôko rya Yakobo. (Yoh. 4:6-26) Filipo yaratanguje ikiyago n’Umunyetiyopiya yakora ku kirimba, uno akaba yariko arasoma mu gitabu ca Yesaya mu kumubaza ati: “Woba koko utahura ivyo uriko urasoma?” (Ivyak. 8:26-38) Igihe intumwa Paulo yari apfungiwe i Filipi, yarabwiye inkuru nziza umurinzi w’ibohero. (Ivyak. 16:23-34) Mu nyuma, igihe Paulo yari mu nzu acungiwemwo “yarakirana ubuntu abo bose binjira iwe, akamamaza kuri bo ubwami bw’Imana [akongera akigisha] ibintu vyerekeye Umukama Yezu Kristu.” (Ivyak. 28:30, 31) Na wewe nyene urashobora gushinga intahe akaryo kizanye, naho woba uri umunyamasoni. Uti gute?
3. Ni igiki gishobora kudufasha gutsinda amasoni?
3 Ingene wotangura: Benshi muri twebwe biratugora gutangura kuyaga n’abantu tutazi. Mbere n’abantu tuba tuzinanyi, gutangura kubabwira ivyerekeye ukuri vyoshobora gusa n’ibiteye ubuyega gatoya. Ariko rero, tuzovyurirwa umutima wo kugira ico tuvuze nitwazirikana ku kumera neza kwa Yehova, kw’itunga ryo mu buryo bw’impwemu yahaye abasavyi biwe be no ku kuntu ivy’abantu bo muri iyi si vyifashe mu buryo buteye agahinda. (Yona 4:11; Zab. 40:5; Mat. 13:52) N’ikindi kandi, turashobora gusaba Yehova ngo adufashe ‘kugira ubutinyutsi.’ (1 Tes. 2:2) Umunyeshure umwe yaciye kuri rya shure ry’i Gileyadi yavuze ati: “Akenshi nsanga isengesho rimfasha igihe biba bitanyoroheye kuyagisha abantu.” Nimba ugonanwa kugira ico uvuze, nuture isengesho rigufi mu gacerere.—Neh. 2:4.
4. Ni intumbero iyihe twokwishingira mu ntango, kandi kubera iki?
4 Nk’uko iyo mvugo ivyerekana, gushinga intahe akaryo kizanye ntibisaba ko dutanguza ikiyago dukoresheje intangamarara canke icanditswe twategekanije. Twoshobora gusanga ari ngirakamaro kuba dufise intumbero yo gutanguza gusa ikiyago tutishizemwo yuko dutegerezwa guca dushinga intahe. Abamamaji benshi bavuga yuko gukora ico kintu bituma baronka umutima rugabo bakeneye kugira ngo bahave bashikiriza inkuru nziza. Mu gihe uwo muntu atipfuza kuyaga, ntibiba bikenewe ko umugobera. Ubigiranye urupfasoni nusozere ico kiyago maze wibandanirize.
5. Ni igiki gifasha umuvukanyikazi umwe w’umunyamasoni gushinga intahe akaryo kizanye?
5 Igihe umuvukanyikazi umwe w’umunyamasoni aba ariko arasuma kw’isoko, abanza kuraba umuntu mu maso hanyuma akamumwenyurira kigenzi. Uwo muntu na we aciye amwenyura, uwo muvukanyikazi aca avuga amajambo makeyi. Mu gihe uwo muntu avyakiriye neza, bica bituma uwo muvukanyikazi agira uburindutsi bwo kubandanya ico kiyago. Arumviriza yitonze maze akagerageza kumenya ikintu kijanye n’inkuru nziza cokwegera uwo muntu. Akoresheje ubwo buryo, yarashikirije ibisohokayandikiro vyinshi yongera mbere aratanguza inyigisho ya Bibiliya.
6. Twoshobora gute gutanguza ikiyago akaryo kizanye?
6 Ingene twotanguza ibiyago: Ni igiki twovuga kugira ngo dutanguze ikiyago? Igihe Yezu yaganira na wa mugore kw’iriba, yatanguye mu kumusaba gusa ngo amuhe ico kunywa. (Yoh. 4:7) Ku bw’ivyo, turashobora kumbure gutanguza ikiyago mu kuramutsa umuntu kigenzi canke mu kumubaza ikibazo kigenzi. Uko uganira na we woshobora kuronka akaryo ko kwinjizamwo iciyumviro gishingiye ku Vyanditswe kandi kumbure ugatera imbuto y’ukuri. (Umus. 11:6) Hariho aberewe mu kuvuga amajambo ashimishije atuma umuntu yipfuza kumenya vyinshi kandi agatuma abaza ikibazo. Nk’akarorero, igihe urindiriye kubonana n’umuganga, woshobora gutanguza ikiyago mu kuvuga uti: “Nzohimbarwa igihe ntazoba nkirwara.”
7. Kuba abantu bazi kwihweza bizodufasha gute gushinga intahe akaryo kizanye?
7 Kuba abantu bazi kwihweza na vyo nyene bizodufasha gutanguza ibiyago. Igihe twihweje umuvyeyi afise abana bigenza neza, twoshobora kumukeza maze tukamubaza duti: “Ni igiki cagufashije kuba umuvyeyi arera abana neza?” Hari umuvukanyikazi yitwararika ivyo abandi bo ku kazi baba bariko baraganirako maze akabashikiriza amakuru atomoye ashingiye ku bintu bishimisha abo bakorana. Igihe yamenya ko umwigeme umwe wo ku kazi iwabo yariko arategekanya kwubaka urwiwe, yaramuhaye Be maso! yavuga ukuntu umuntu yotegura ubugeni. Ivyo vyatumye bagiranira ibindi biganiro bishingiye kuri Bibiliya.
8. Dushobora gute gukoresha ibisohokayandikiro vyacu kugira ngo dutanguze ibiyago?
8 Ubundi buryo bwodufasha gutanguza ibiyago ni mu gusomera ibisohokayandikiro vyacu aho abandi batubona. Umuvukanyi umwe arazingurura Umunara w’Inderetsi canke Be maso! ahari ikiganiro gifise umutwe ukwegera agaca atangura kugisoma mu gacerere. Igihe abonye ko hafi yiwe hariho umuntu ariko aritegereza ico kinyamakuru, aca amubaza ikibazo kinaka canke akagira ico avuze muri make kuri ico kiganiro. Ivyo birakunze gutuma ayaga n’abandi akongera agashinga intahe. Gusiga gusa kimwe mu bisohokayandikiro vyacu ahantu abantu bashobora kukibona vyoshobora gutuma abo mukorana canke abo mwigana bipfuza kumenya ibirimwo kandi bakabaza ibibazo ku bicerekeye.
9, 10. (a) Dushobora gute kurondera uturyo two gushinga intahe akaryo kizanye? (b) Washoboye gute kubigira?
9 Niturondere uturyo: Kubera yuko igikorwa co kwamamaza cihutirwa, ntidukwiye kubona ko gushinga intahe akaryo kizanye ari ikintu dushobora gukora tutagiteguye. Ahubwo nyabuna, dukwiye kugerageza kurondera uturyo two gushinga intahe igihe turiko turakora ibikorwa vyacu vya misi yose. Nuzirikane imbere y’igihe ibijanye n’abantu mwoshobora guhura, wongere urimbure ukuntu wotanguza ikiyago mu buryo bwa kigenzi. Nugumize hafi Bibiliya hamwe n’ibisohokayandikiro ushobora guha abagaragaje ugushimishwa.—1 Pet. 3:15.
10 Mu kuba abantu bazi guhuza n’uko ibintu vyifashe, abamamaji benshi bararonse ibintu bitandukanye bakora kugira ngo baronke uturyo two gushinga intahe akaryo kizanye. Umuvukanyikazi umwe aba mu nyubakwa icungerewe bimwe bidasanzwe arakoresha ikibanza co kwiruhuriramwo co muri iyo nyubakwa mu kuza araterateranya udupande tugize igicapo cerekana ahantu heza igitangaza. Igihe abantu bahagaze maze bakagira ico bavuze ku bijanye n’ubwiza bw’aho hantu hari kuri nya gicapo, aca akoresha ako karyo mu gutanguza ikiyago maze akababwira ibijanye n’umuhango Bibiliya itanga werekeye “ijuru rishasha n’isi nshasha.” (Ivyah. 21:1-4) Woba ushobora kwiyumvira ibintu bitandukanye wokora kugira ngo urondere uturyo two gushinga intahe akaryo kizanye?
11. Twoshobora gute gukurikirana umuntu ashimishijwe igihe turiko turashinga intahe akaryo kizanye?
11 Nukurikirane abashimishwa: Igihe uronse uwukwumviriza, nugerageze gukurikirana uwo muntu yashimishijwe. Nimba bibereye, woshobora kubwira nya muntu uti: “Nahimbawe cane no kuyaga nawe. Nogusanga he kugira ngo dusubire kuyaga?” Abamamaji bamwebamwe baca baha uwo muntu aderese yabo be n’inomero zabo za telefone bakavuga bati: “Naryohewe n’ikiyago twagiraniye. Nimba woshima kumenya n’ibindi ku vyerekeye ivyo twaganiriye, ng’ibi ivyogufasha kuntora.” Nimba wewe ubwawe udashobora gukurikirana uwo muntu yashimishijwe, nutunganye ivy’uko ishengero ribereye rimukurikirana mu gushikiriza mu maguru masha umunyamabanga w’ishengero ryanyu ka gapapuro kavuga ngo Turabasavye mukurikirane uwu muntu yashimishijwe (S-43).
12. (a) Ni kubera iki dukwiye kuza turandika umwanya tumara turiko turashinga intahe akaryo kizanye kandi tukawushira kuri raporo? (b) Ni ivyiza ibihe vyabonetse biciye ku gushinga intahe akaryo kizanye? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Gushinga intahe akaryo kizanye biravamwo ivyiza!”)
12 Umwanya tumara turiko turashinga intahe akaryo kizanye urakwiye gushirwa kuri raporo. Ku bw’ivyo rero, nurabe neza ko uza urawandika, naho yoba ari iminuta mikeyi gusa ku musi. Zirikana kuri iki kintu: Hamwe umwamamaji wese yoza aramara iminuta itanu buri musi ashinga intahe akaryo kizanye, ivyo vyotuma buri kwezi hiyongerako amasaha arenga imiliyoni 17!
13. Ni igiki gikwiye kutuvyurira umutima wo gushinga intahe akaryo kizanye?
13 Turafise imvo zihambaye kuruta izindi zose zo gushinga intahe akaryo kizanye, izo na zo akaba ari urukundo dukunda Imana na bagenzi bacu. (Mat. 22:37-39) Ukuba dukenguruka cane kamere za Yehova be n’imigambi yiwe biradusunikira kuvuga “ubuninahazwa bw’ubwiza bwakaka bw’ingoma yiwe.” (Zab. 145:7, 10-12, NW) Kwitwararika bagenzi bacu bimwe bivuye ku mutima biratuma dukoresha akaryo ako ari ko kose kabereye turonse mu kubabwira inkuru nziza tugifise umwanya. (Rom. 10:13, 14) Tubanje gufata akanya tukiyumvira tukongera tukitegura, twese turashobora gushinga intahe akaryo kizanye kandi kumbure tukironkera umunezero wo kubwira ukuri umuntu w’umutima nziraburyarya.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 4]
Woshobora gusanga ari ngirakamaro ugize intumbero yo kubonana gusa n’abantu ugaca utanguza ibiyago
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 5]
Mu kuba abantu bazi guhuza n’ukuntu ibintu vyifashe, abamamaji benshi bararonse ibintu bitandukanye bakora kugira ngo barondere uturyo two gushinga intahe akaryo kizanye
[Uruzitiro ku rup. 5]
Ivyiyumviro vyogufasha gutanguza ibiyago
◼ Nusenge Imana kugira ngo igufashe kumenya ingene wotangura
◼ Nuhitemwo barya bantu usanga basa n’abifata kigenzi kandi batihuta
◼ Nurabe umuntu mu maso, umumwenyurire, wongere uvuge ikintu kibashimisha mwempi
◼ Nube umuntu azi kwumviriza
[Uruzitiro ku rup. 6]
Gushinga intahe akaryo kizanye biravamwo ivyiza!
• Igihe umuvukanyi umwe yari aho bakorera imiduga yapfuye arindiriye ko umuduga wiwe ukorwa, yarabwiye inkuru nziza abari kumwe na we yongera arabaha udupapuro two kubatumira ku nsiguro y’icese yoshikirijwe kw’ihwaniro. Igihe uwo muvukanyi yari kw’ihwaniro rimwe haciye umwaka, hari umuvukanyi atamenye yamuramukije n’igishika cishi. Yari umwe muri ba bagabo yari yarahaye agapapuro k’ubutumire umwaka umwe imbere y’aho igihe bari ha hantu bakorera imiduga yapfuye! Uwo mugabo yari yaragiye kwumviriza nya nsiguro y’icese maze arasaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. We n’umukenyezi wiwe bari barabatijwe.
• Umuvukanyikazi umwe yamenye ukuri biciye ku gushinga intahe akaryo kizanye abona yuko abantu ahura na bo biciye ku bana biwe batatu ari icibare ciwe kidasanzwe. Ico cibare ciwe kigizwe n’ababanyi be n’abavyeyi ahurira na bo kw’ishure be no mu nama z’abavyeyi. Igihe cose yidondoye, aravuga amajambo asanzwe mugabo akora ku mutima yuko Bibiliya ari ikintu c’agaciro kimufasha kurera abana biwe, agaca ahindura ikiganiro. Mugabo kubera ko aba yamaze gutanguza ikiyago, asanga birushiriza kumworohera kuvuga ibijanye na Bibiliya mu biganiro bikurikira. Akoresheje ubwo buryo, yarafashije abantu 12 gushika barabatizwa.
• Igihe umuvukanyikazi umwe yagenderwa n’umukozi akorera ishirahamwe rimwe ry’ivya soransi, yarakoresheje ako karyo kugira ngo ashinge intahe. Yaramubajije nimba yoshima kuronka icemezo c’uko azogira amagara meza, agahimbare, n’ubuzima budahera. Uwo mukozi yaremeye aca abaza nya muvukanyikazi soransi yomuhaye ico cemezo yariko aravuga iyo ari yo. Yaramweretse ivyo Bibiliya isezerana yongera aramuha kimwe mu bisohokayandikiro vyacu, kino akaba yagisomye ijoro rimwe. Haratunganijwe ivy’uko yogirirwa inyigisho ya Bibiliya. Yaratanguye kwitaba amakoraniro maze mu nyuma arabatizwa.
• Igihe umuvukanyikazi umwe yari ku rugendo mu ndege, yaratanguye kuganira n’umugore yari yicaye iruhande yiwe maze arashobora gushinga intahe. Iyo ndege ishitse iyo yariko iraja, nya muvukanyikazi yarahaye uwo mugore aderese yiwe be n’inomero ziwe za telefone maze aremesha nya mugore kuzosaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya Ivyabona vya Yehova nibamugendera. Bukeye, Ivyabona babiri baragendeye uwo mugore. Uwo mugore yaciye atangura kwiga Bibiliya, aratera imbere ningoga na ningoga, arabatizwa, kandi haciye igihe gito yari asigaye arongora inyigisho za Bibiliya zitatu.
• Umuvukanyi umwe w’impumyi afise imyaka 100 aba mu kigo kibungabunga abageze mu zabukuru arakunda kwivugira ati: “Turakeneye Ubwami.” Ivyo biratuma abaforomakazi be n’abarwayi babaza ibibazo bimuronsa akaryo ko gusigura Ubwami ico ari co. Umwe mu bagore bakorera muri ico kigo yarabajije uwo muvukanyi ico azokora niyashika mw’Iparadizo. Uno yishuye ati: “Nzosubira kubona no kugendagenda nce nturira agakinga kanje k’ibimuga.” Kubera ko ari impumyi, arasaba nya mugore ngo amusomere ibinyamakuru. Igihe umukobwa w’uwo muvukanyi yamugendera, nya mukozi yarasavye uwo mukobwa uruhusha rwo gutwara ivyo binyamakuru i muhira iwe. Hari umuforomakazi yabwiye uwo mukobwa ati: “Ikintu dusigaye tuvuga cane muri iki kigo kibungabunga abageze mu zabukuru ni iki: ‘Turakeneye Ubwami.’ ”
• Umuvukanyikazi umwe yari arindiriye atonze umurongo kw’iresitora imwe yarumvise umugwi w’abagabo bageze mu zabukuru bari bicaye iruhande yiwe bariko baraganira ivya politike. Umugabo umwe yavuze yuko iyo ntwaro idashobora gutorera umuti ingorane zacu. Uwo muvukanyikazi yibwiye ati: ‘Aka karyo sindakagisha.’ Yaciye atura isengesho rigufi maze arabegera. Amaze kwidondora, yarababwiye ibijanye n’intwaro izotorera umuti ingorane z’abantu, ni ukuvuga Ubwami bw’Imana, aca arabaha agatabu yari afise. Nyene iyo resitora yaciye ubwo nyene yegera. Uwo muvukanyikazi yiyumvira yuko yagira amusabe ngo ave ng’aho. Aho kubigenza gutyo, uwo nyene iyo resitora yamubwiye yuko yariko arumviriza ico kiganiro akaba na we nyene yipfuza ako gatabu. Umukozi umwe na we nyene yariko arumviriza ico kiganiro yaregereye amaso yuzuye amosozi. Uno yari yarigeze kwiga Bibiliya akaba yari afise icipfuzo co gusubira kwiga.