Ingene twoshikiriza ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Nyakanga
Nuvuge ikintu cavuzwe mu makuru kiraje ishinga abantu bo ng’aho iwanyu, uce uvuga uti: “Vyoba birashika ukibaza igituma abantu bakora ibibi nk’ivyo? [Rindira yishure.] Bibiliya iraduha imvo yotuma tugira icizigiro. [Soma 2 Petero 3:13.] Iki kinyamakuru kirerekana ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’imvo zituma abantu bakora ikibi be n’ingene Imana igiye vuba gukuraho ubukozi bw’ikibi.”
Be maso! Gitugutu–Kigarama
“Ukuntu ivy’ubutunzi vyifashe biratuma abantu bahagarika umutima cane. Abadafise akazi usanga bataye umutwe, abagafise na bo ugasanga bafise ubwoba bwo kugatakaza. Woba wibaza ko iyi ari impanuro nziza yodufasha kuvyifatamwo neza? [Soma Matayo 6:34, uce umureka yishure.] Iki kinyamakuru kiratanga inama ngirakamaro ku bijanye n’ingene twokoresha neza amahera dufise be n’ingene twokwirinda guta umutwe.”
Umunara w’Inderetsi 1 Nyakanga
“Turafise uturorero twerekana ko abasavyi b’Imana bo mu bihe vya kera bari bamenyereye kwatura ibicumuro igihe baba bacumuye ku Mana. [Soma Zaburi 32:5]. Woba wibaza ko no muri iki gihe ivyo bigikenewe? [Rindira yishure.] Iki kiganiro kirerekana inyishu Bibiliya itanga ku vy’uko Imana yoba isaba ko abantu batura ibicumuro canke itabibasaba.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 22.
Be maso! Gitugutu–Kigarama
“Abagore boba bakwiye kuba abasuku batiwe? [Rindira yishure.] Raba ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’umugore umwe. [Soma Abaroma 16:1.] Ariko rero, hariho ikindi canditswe kivuga ko abagore bakwiye gucereza mw’ishengero. None Bibiliya ibivugako iki? Iki kiganiro kirabisigura.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 14.