Inyishu ku bibazo vyanyu
◼ Ni ibiki twokora kugira ngo dusahirize abatsimvyi?
Mu mwaka w’umurimo wa 2009, kw’isi yose abavukanyi na bashiki bacu hafi 800.000 barakoze ubutsimvyi busanzwe n’ubudasanzwe. Abo basuku b’igihe cose baratanga umushuzo w’umwanya wabo, w’inguvu zabo n’uw’ivyo batunze kugira ngo bakwiragize inkuru nziza y’Ubwami. (Imig. 3:9) Emwe, Yehova ategerezwa kuba ahimbarwa n’utwigoro bagira! None ni mu buryo butandukanye ubuhe twokwerekana ko tubabona nk’uko Yehova ababona maze tukabafasha kugira umunezero n’ukwihangana muri uwo murimo barangura?
Nta gukeka ko amajambo twahisemwo neza twobabwira ashobora kubaremesha kubandanya igikorwa c’ubutsimvyi. (Imig. 25:11) Vyoba bishoboka ko duhindura urutonde rwacu rwa buri ndwi kugira ngo dukorane na bo mu busuku? Igihe dukorana na bo, twoshobora kubasaba ko twokoresha uburyo bwacu bwo kwiyunguruza aho gukoresha ubwabo canke na ho tukabarihira ayo kwiyunguruza. Mu gihe ari bo batwunguruje, twoshobora kumbure gutanga agatererano kobafasha kuriha ibikenewe. (1 Kor. 13:5; Flp. 2:4) Turerekana kandi ko dushigikiye abatsimvyi tubigiranye urukundo mu kubagaragariza ubwakiranyi, tukanabatumira rimwe na rimwe i muhira ngo dusangire akajumbu.—1 Pet. 4:8, 9.
Ivyanditswe biradukura amazinda yuko Yehova azoronsa ibikenewe ababanza kurondera Ubwami bwiwe. (Zab. 37:25; Mat. 6:33) Uburyo bumwe abigira, abicisha ku muryango wacu w’abavukanyi urangwamwo urukundo. (1 Yoh. 3:16-18) Ni ivy’ukuri yuko abatsimvyi batitega ko abandi baba ari bo bitaho ibanga ubwabo bajejwe ryo kurondera ico bikenuza. Vyongeye, hari aho batoshoka bibwiriza kwitura abandi igihe bari n’ico bakeneye. Ariko rero, turashobora kugira ico dukoze mu gufasha abo batsimvyi b’abizigirwa maze “[tuku]zuriza ugukehanirwa kwabo,” mu kuba abantu bazi kwitegereza kandi biteguriye kugira ico bakoze.—2 Kor. 8:14, 15.
Igihe umwamamazanjili w’umunyamwete Foyibe wo mw’ishengero rya gikirisu ry’i Kenkireya ryo mu kinjana ca mbere yafata urugendo aja i Roma, Paulo yaremesheje abavukanyi b’i Roma ati: “Mumuhe ikaze mu Mukama mu buryo bubereye aberanda, . . . mumusahirize mu kintu cose yobakenerako.” (Rom. 16:1, 2) Na twebwe turafise akaryo ko kwerekana ko dushigikiye tubigiranye urukundo abatsimvyi basanzwe canke badasanzwe bo mw’ishengero ryacu bamenyesha inkuru nziza badatezura.—Ivyak. 5:42.