Abasuku b’abanyamwete barakeneye kuzirikana bajanisha n’isengesho
1. Ni igiki cafashije Yezu kwirinda ko hagira ikimutesha igikorwa ciwe nyamukuru?
1 Yezu yari yamaze umugoroba wose akiza abantu yongera yirukana amadayimoni. Igihe abigishwa biwe bamubona bukeye bwaho, bamubwiye yuko “bose bariko bara[m]urondera,” babimubwira bamusaba ngo abandanye ibikorwa vyiwe vy’ububasha. Yamara rero, Yezu ntiyaretse ngo hagire ikimutesha igikorwa ciwe nyamukuru co kwamamaza inkuru nziza. Yabishuye ati: “Tugende ahandi, mu tugari two mu micungararo, kugira ngo na ho nyene namamazeyo, kuko ico ari co canzanye.” Ni igiki none cafashije Yezu kwumira ku ntumbero yiwe? Yari yavyutse kare kugira ngo azirikane ajanisha n’isengesho. (Mrk. 1:32-39) None tweho kuzirikana tujanisha n’isengesho bishobora gute kudufasha kuba abamamaji b’abanyamwete?
2. Ni ibiki dushobora kuzirikanako vyodufasha kugumana umwete mu busuku?
2 Twozirikana ku biki? Yezu yaritegereje abantu arabona ko bari “baratabaguwe, basabagiye nk’intama zitagira umwungere.” (Mat. 9:36) Na twebwe turashobora kuzirikana ku kuntu abakeneye inkuru nziza bangana. Twoshobora gufata akanya tukiyumvira ukuntu ibintu vyihuta muri ibi bihe turimwo. (1 Kor. 7:29) Turashobora kurimbura ibikorwa vya Yehova na kamere ziwe, agateka twatewe ko kwitwa Ivyabona vya Yehova be n’ibintu vy’impwemu vy’agaciro twize mw’Ijambo ry’Imana abantu bo mu cibare cacu bataramenya.— Zab. 77:11-13; Yes. 43:10-12; Mat. 13:52.
3. Ni ryari twoshobora kuzirikana?
3 Twozirikana ryari? Nka kumwe Yezu yabigira, hariho abavyuka kare hagitekanye. Abandi bashima kuzirikana ku mugoroba imbere y’uko baja kuryama. (Ita. 24:63) N’igihe nyene twoba dufise vyinshi dukora, turashobora kuronka akanya ko kuzirikana. Bamwebamwe barabigira igihe bipakije bari mu rugendo. Abandi usanga bakoresha igice c’umwanya wabo wo kuruhuka bahejeje kwivuna umusase kugira ngo bazirikane ata kibasamaza. Abenshi babona ko kuzirikana imbere yo kugira uruhara mu busuku, naho koba ari akanya gatoyi, bibafasha kurushiriza kwamamaza babigiranye umwete n’ubutinyutsi.
4. Ni kubera iki dukwiye kuzirikana?
4 Kuzirikana tujanisha n’isengesho bizokomeza icipfuzo dufise co gukorera Yehova, bidufashe kurushiriza kwibanda ku vy’impwemu mu buzima bwacu vyongere bikomeze umwiyemezo dufise wo kubandanya kwamamaza. Wa Musuku Ruheta w’Imana, ari we Yezu, yarungukiye ku kuzirikana. Na twebwe tuzovyungukirako.