‘Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana’
1. Ni igitabu ikihe tuzokwiga mu Nyigisho ya Bibiliya y’ishengero kuva mu ndwi itangura ku wa 14 Ntwarante?
1 Mu ndwi itangura ku wa 14 Ntwarante 2011, tuzotangura kwiga igitabu ‘Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana’ mu Nyigisho ya Bibiliya y’ishengero. Ico gitabu kiraca irya n’ino igitabu c’Ivyakozwe mu buryo butuma umusomyi ashobora kwinovora ibintu biteye umunezero bivugwa muri co. Igitabu Nushinge intahe ntigisigura umurongo ku wundi inkuru zo mu Vyakozwe, ahubwo cerekana ivyigwa dukura muri izo nkuru maze kikadufasha kubona ukuntu twovyiyerekezako.—Rom. 15:4.
2. Sigura ibintu bimwebimwe biranga igitabu Nushinge intahe.
2 Ibiranga ico gitabu: Intangamarara iri ku rupapuro rwa 2 igizwe n’ikete rirangwa igishika ryavuye ku Nama Nyobozi ryerekana ukuntu yipfuza ko twungukira kuri ico gitabu. Kuva ku kigabane ca 2, mu ntango z’ikigabane kimwekimwe cose hariho iryungane ryerekana iciyumviro nyamukuru kirimburwa muri ico kigabane, hakaba n’icanditswe cerekana igice co muri ico gitabu c’Ivyakozwe kigira kirimburwe. Ibigabane bitari bike birimwo utuzitiro dutanga amakuru ashimishije yerekeye abantu, ibibanza canke ibintu vyabaye. Ku mibari hari ikibanza cagutse twoshobora kwiyandikiramwo utuntu. Ico gitabu kirimwo amashusho yitondewe cane yerekana inkuru zo muri Bibiliya adufasha kubona mu bwenge ibintu bihambaye vyabaye, ku rupapuro rwa nyuma na ho hakaba ironderero ngirakamaro ry’ayo mashusho rigenda rirayasigura. Ku ruhande rw’indani rw’igipfukisho c’imbere n’ic’inyuma hari amakarata adufasha gukurikira ingendo z’abo dusangiye ukwizera bo mu kinjana ca mbere uko bakwiragiza inkuru nziza “gushika mu karere ka kure rwose k’isi.”—Ivyak. 1:8.
3. Kwiga igitabu c’Ivyakozwe bizotuma turonka inyishu z’ibibazo bihambaye ibihe?
3 Inyishu z’ibibazo bihambaye: Kurimbura igitabu c’Ivyakozwe bizodufasha kubona neza inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubusuku bw’abakirisu. Nk’akarorero, abayoboke nyakuri ba Yezu Kristu barangwa n’igikorwa ikihe be n’ubutumwa ubuhe? Ni nde ayobora igikorwa co kwamamaza kirangurirwa kw’isi yose, kandi akiyobora gute? Uruhamo n’ukurwanywa biha uturyo utuhe abasuku? Ni uruhara uruhe impwemu nyeranda irangura mu busuku bwacu?
4. Twokwungukira gute bimwe bishitse ku kurimbura ico gitabu?
4 Kugira ngo wungukire bimwe bishitse ku biri muri ico gitabu, nuvyige imbere y’igihe maze witegurire kugira uruhara igihe bizoba biriko birarimburwa mw’ishengero. Niwitabe ikoraniro rimwerimwe ryose, maze uzirikane ku kuntu ivyigwa uhigiye wobishira mu ngiro mu busuku urangura. Ese kurimbura ico gitabu kiryoshe cane vyotuvyurira umutima wo gushinga intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana!—Ivyak. 28:23.