ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/11 rup. 1
  • Tugire “impuhwe z’ikibabarwe”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tugire “impuhwe z’ikibabarwe”
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ivyo bijanye
  • Mugire “impuhwe z’ikibabarwe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Niwigane impuhwe za Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • «Impuhwe z’Imana yacu»
    Niwiyegereze Yehova
  • «Bimutera ikigongwe»
    “Ingo unkurikire”
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2011
km 7/11 rup. 1

Tugire “impuhwe z’ikibabarwe”

1. Ni igiki abantu bakeneye cane muri iki gihe?

1 Ubu kuruta ikindi gihe cose abantu barakeneye cane kugaragarizwa impuhwe. Kuba ivyo kw’isi bigenda birarushiriza kudabuka vyatumye abantu benshi babura agahimbare, bagira akabonge, kandi bihebura. Abantu amamiliyoni barakeneye gufashwa, kandi twebwe abakirisu ni twe dushoboye kwitwararika bivuye ku mutima abantu nkatwe. (Mat. 22:39; Gal. 6:10) Dushobora gute none kubitwararika?

2. Uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kugaragaza impuhwe ni ubuhe?

2 Igikorwa kiranga impuhwe: Nta ruhoza nyakuri kandi rwamaho rutava ku Mana. (2 Kor. 1:3, 4) Yehova aduhimiriza kumwigana mu kugira “impuhwe z’ikibabarwe” kandi yaradushinze igikorwa co kugendera abantu nkatwe tubashiriye inkuru nziza yerekeye Ubwami. (1 Pet. 3:8) Kugira uruhara n’umwete muri ico gikorwa ni bwo buryo bwiza kuruta ubundi bwo guhoza “abavunitse umutima,” kubera ko Ubwami bw’Imana ari co cizigiro nyakuri conyene ku bantu bariko barashikirwa n’ingorane. (Yes. 61:1) Yehova abitumwe n’impuhwe afitiye abasavyi biwe, agiye kugira ico akoze kugira ngo akureho ububisha maze ashireho isi nshasha igororotse.—2 Pet. 3:13.

3. Twoshobora gute kubona abantu nk’uko Yezu yababona?

3 Nubone abantu nk’uko Yezu yababona: N’igihe nyene Yezu yaba ariko arabwira inkuru nziza amasinzi, ntiyabona gusa umugwi w’abantu. Yabona yuko umwumwe wese muri bo akeneye gufashwa mu vy’impwemu. Bari bameze nk’intama zitagira umwungere wo kuziyobora. Yezu yarakozwe ku mutima n’ivyo yabonye, maze aravyurirwa umutima wo kubigisha yihanganye. (Mrk. 6:34) Nitwabona abantu nk’uko Yezu yababona bizotuvyurira umutima wo kubagaragariza impuhwe umwumwe wese ukwiwe, tubikuye ku mutima. Ivyo bizogaragarira mw’ijwi dukoresha no mu kuntu tumeze mu maso. Kwamamaza ni co kintu tuzoshira imbere, kandi ivyo tuvuga tuzobihuza n’ibiraje ishinga umwumwe wese.—1 Kor. 9:19-23.

4. Ni kubera iki dukwiye kwambara impuhwe?

4 Abantu isinzi bo mu mahanga yose bariko barakira neza ubutumwa bw’Ubwami be n’ukuntu tubitwararika mu buryo buruhura. Uko tubandanya kwambara impuhwe, tuzotera iteka twongere duhimbare ya Mana yacu y’inyempuhwe, Yehova.—Kol. 3:12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika