ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/11 rup. 1
  • ‘Izina ry’Imana niryezwe’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Izina ry’Imana niryezwe’
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ivyo bijanye
  • Yehova arashira hejuru izina ryiwe
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Tumenyekanishe izina ry’Imana
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Nutere iteka izina rya Yehova rihambaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Intunganyo igenewe abasuku bakirisu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2011
km 8/11 rup. 1

‘Izina ry’Imana niryezwe’

1. Umutwe-shimikiro w’iteraniro ry’umuzunguruko ryo mu mwaka w’umurimo wa 2012 uvuga gute, kandi ushingiye ku ki?

1 Ese ukuntu ari agateka kuba twitirirwa izina ry’umwe Segaba w’ibiriho vyose Yehova! Imana ubwayo ni yo yashimye ko twitirirwa izina ryayo, kandi kuva canecane mu mwaka wa 1931, twebwe Ivyabona vya Yehova twitirirwa iryo zina yisangije ari ryo Yehova. (Yes. 43:10) Yezu, Umwana w’ikinege w’Imana, yaraha agaciro cane izina ry’Imana, akaba yararihaye ikibanza ca mbere muri rya sengesho ry’akarorero yigisha. (Mat. 6:9) Amajambo Yezu yavuze muri iryo sengesho ni yo umutwe-shimikiro w’iteraniro ryacu ry’umuzunguruko ryo mu mwaka w’umurimo wa 2012 ushingiyeko. Uwo mutwe uvuga ngo ‘Izina ry’Imana niryezwe.’

2. Ni amakuru ayahe tworindirana igishika?

2 Ivyo tuzohumvira: Ku wa gatandatu, insiguro ivuga ngo “Numenyekanishe izina ry’Imana mu gukora umurimo w’igihe cose” izokwerekana igituma umurimo w’igihe cose ari uburyo bwo kubaho bumara akanyota. Tuzokwumva n’insiguro y’ibice bine ivuga ngo “Nube maso ntusige iceyi izina rya Yehova,” ikaba izodufasha kwirinda kugwa mu mitego ine ishobora kuducakira. Insiguro ivuga ngo “Igituma izina ry’Imana ritegerezwa kwezwa” izokwishura ibi bibazo: Ni igiki kizodufasha kwamamaza inkuru nziza n’umwete igihe abo tuyibwira basa n’abadashimishwa cane? Ni igiki kizodufasha kurangura ubusuku buri n’ico buvamwo? Ku musi w’iyinga tuzohimbarwa no gukurikira insiguro y’ibice bine izoba yerekana ukuntu twokweza izina ry’Imana biciye ku vyo twiyumvira, ku vyo tuvuga, ku ngingo dufata no ku kuntu twigenza. Abashasha bazoshima canecane insiguro y’icese izoba ivuga iti: “Yehova azokweza izina ryiwe rihambaye kuri Harumagedoni.”

3. Ni agateka akahe twatewe, kandi iryo teraniro rizodufasha iki?

3 Vuba Yehova agiye guhaguruka kugira yeze izina ryiwe. (Ezk. 36:23) Mu kurindira ko ico gihe kigera, turafise agateka kadasanzwe twatewe ko gushigikira izina ryeranda rya Yehova be n’ico risobanura. Turizigiye tudakeka ko iryo teraniro ry’umuzunguruko rizofasha umwe wese muri twebwe gushitsa ibanga rihambaye tujejwe ryo kwitirirwa izina ry’Imana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika