Ivyabona vya Yehova bagizwe ishirahamwe ngo bamamaze inkuru nziza
Haraheze imyaka irenga 100 Ivyabona vya Yehova bagizwe ishirahamwe ngo bamamaze inkuru nziza. Mw’isekeza turimwo ryo kwamamaza rihambaye kuruta ayandi yose yigeze kugirwa mw’isi, turavuga ubwo butumwa mu ndimi amajana, mu bihugu birenga 230. (Mat. 24:14) Ni kubera iki none ico gikorwa gikenewe? Kiriko kirangurwa gute kw’isi yose? Ya videwo ivuga ngo Les Témoins de Jéhovah : organisés pour proclamer la bonne nouvelle (Ivyabona vya Yehova bagizwe ishirahamwe ngo bamamaze inkuru nziza) irishura ivyo bibazo mu gutanga amakuru y’ido n’ido ajanye n’imice myinshi y’ibikorwa turangurira hirya no hino kw’isi. Uhejeje kuyiraba, nurimbure ibibazo bikurikira:
Ni gute iyo videwo yatumye urushiriza gukenguruka no gutahura ibijanye (1) n’akigoro ishirahamwe rya Yehova ririko riragira kugira ryamamaze inkuru nziza? (2 Tim. 4:2) (2) n’imiryango ya Beteli iri hirya no hino kw’isi? (3) n’inyigisho abacungezi n’abamisiyonari bahabwa zo kubamenyereza? (2 Tim. 2:2) (4) n’akamaro ko gutangura umusi umwumwe wose mu kwihweza icanditswe co muri Bibiliya be n’ako gutegura buri ndwi amakoraniro y’ishengero? (Ivyak. 17:11) (5) n’ivyiza biva ku kwitaba imitororokano yacu ya gikirisu? (Heb. 10:24, 25) (6) n’imihezagiro uzoronka igihe isi izoba yasubiye kuba Iparadizo? (Yes. 11:9) (7) n’agateka watewe ko kugira uruhara mu gikorwa c’iyimbura kiriko kirarangurwa?—Yoh. 4:35.
Iyo videwo vyaribonekeje ko ari igikoresho ciza cane gifasha abashimishijwe kumenya igikorwa Ivyabona vya Yehova barangura kw’isi yose. (8) Ni ryari vyoba vyiza tweretse iyo videwo abo twigana Bibiliya, incuti zacu hamwe n’abandi? (9) Ni ikintu ciza ikihe wiboneye igihe werekana iyo videwo?
Uko tuzirikana ku vyo Yehova ariko ararangura, turavyurirwa umutima wo kuvuga nka wa mwanditsi w’amazaburi yagira ati: “Wewe ubwawe wakoze ibintu vyinshi, ewe Yehova Mana yanje, mbere n’ibikorwa vy’agatangaza vyawe n’ivyiyumviro udufiseko; nta n’umwe ariho yogereranywa nawe.” (Zab. 40:5) Nimuze dukoreshe neza iyo videwo mu gufasha abandi kumenya Yehova n’ishirahamwe ryiwe no gukenguruka ivyo badukorera!