ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/11 rup. 3
  • ‘Ukugomba kw’Imana nigukorwe’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Ukugomba kw’Imana nigukorwe’
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ivyo bijanye
  • Zigama ijwi ryawe ryo mu mutima
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • “Ibifungurwa ku gihe kibereye”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ijambo ry’Imana ni ngirakamaro ku kwigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Niwumvirize wongere wige
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2011
km 8/11 rup. 3

‘Ukugomba kw’Imana nigukorwe’

1. Iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe ryo mu mwaka w’umurimo wa 2012 rizoba rifise umutwe-shimikiro uvuga gute, kandi ni kubera iki bibereye ko turimbura ibijanye n’ico kintu?

1 Twaremwe kubera ukugomba kwa Yehova. (Ivyah. 4:11) Ku bw’ivyo, ntivyoshoboka ko dushitsa intumbero y’ukubaho kwacu tutize kandi ngo dukore ivyo Imana igomba. Ivyo ntivyoroshe kubera ko dutegerezwa kurwanya impengamiro iturimwo yo gukora “ivyo umubiri n’ivyiyumviro bigomba” canke gukora “ukugomba kw’amahanga.” (Ef. 2:3; 1 Pet. 4:3; 2 Pet. 2:10) Tudafashijwe n’Imana, hari n’aho mbere twohakwa ‘gufatwa na Shetani turi bazima ku bw’ukugomba kwiwe.’ (2 Tim. 2:26) Iteraniro ryacu ridasanzwe ry’umusi umwe ryo mu mwaka w’umurimo wa 2012 rizofasha umwe wese muri twebwe gukora mu buryo buhuye n’ikigira gatatu muri vya bintu nyamukuru dusaba muri rya sengesho ry’akarorero. (Mat. 6:9, 10) Umutwe w’iryo teraniro uvuga ngo ‘Ukugomba kw’Imana nigukorwe.’

2. Ni ibibazo ibihe bizokwishurwa kuri iryo teraniro?

2 Ibibazo bizokwishurwa: Igihe uzoba uriko uratega yompi ibishikirizwa, uze urondere inyishu z’ibi bibazo: Ku bijanye n’Ijambo ry’Imana, ni ikindi kintu ikihe gihambaye turetse ukuryumva? Dushobora gute kubandanya gutahura ivyo Imana igomba ko dukora? Ni kubera iki dukwiye kugira umutima ukunze wo kubwira inkuru nziza abantu b’uburyo bwose? Dushobora gute kuronka ubuzima buri n’ico buvuze koko? Yemwe bakiri bato, ni igiki mukwiye kwereka Yehova? Gukora ukugomba kw’Imana bivamwo ivyiza ibihe? Ni kubera iki vyihutirwa ko dukomeza abandi tukongera tukabaremesha?

3. Twokwungukira gute bimwe bishitse kuri iyo ntunganyo yo mu vy’impwemu?

3 Uritwararika kuzoba ari ho uri no gutega yompi witonze. Uwaje aserukiye Beteli canke umucungezi w’ingenzi ashobora kuzoba ari ho ari nka we mushikirizansiguro w’umushitsi. Imbere y’iteraniro n’inyuma yaryo, ntuze witinye kuyaga na we be n’umukenyezi wiwe, nimba yubatse. Utashe, ntuze ube “uwumva akibagira,” ahubwo uko mugize umuryango muze musubire mwihweze ivyashikirijwe kw’iteraniro, muganire n’ukuntu mworushiriza gukora muhuza n’ukugomba kw’Imana.—Yak. 1:25.

4. Kubera iki bihambaye ko twitwararika imbere y’ibindi vyose gukora ukugomba kw’Imana?

4 Vuba cane, abakurikirana ivyipfuzo vyabo bwite bakanka kuyobokera ukugomba kwa Yehova bagiye kurandurwa. (1 Yoh. 2:17) Ku bw’ivyo, turakengurukira Yehova kubona yarateguye izo nyigisho zije hageze kugira ngo adufashe kwitwararika imbere y’ibindi vyose gukora ukugomba kwiwe!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika