Nuhe agaciro agateka watewe ko kwamamaza
1. Abantu benshi bo mw’isi babona gute igikorwa cacu co kwamamaza?
1 Abantu benshi bo mw’isi ya Shetani babona ko igikorwa cacu co kwamamaza ari “ubupfu.” (1 Kor. 1:18-21) Tutabaye maso, ukwo kuntu bakibona mu buryo butari bwo kwoshobora gutuma ducika intege canke kugatuma umwete wacu ugabanuka. (Imig. 24:10; Yes. 5:20) None ni imvo izihe zotuma duha agaciro ako gateka twatewe ko kuba Ivyabona vya Yehova?—Yes. 43:10.
2. Ni kubera iki ubusuku turangura bushobora kwitwa “igikorwa ceranda”?
2 Ni “igikorwa ceranda”: Intumwa Paulo yavuze ko ubusuku turangura ari “igikorwa ceranda.” (Rom. 15:15, 16) Ni gute none ubusuku turangura ari “igikorwa ceranda”? Kubugiramwo uruhara biratuma tuba “abakozi bakorana” na “wa Mweranda” Yehova, kandi bikanagira ico biterereye mu gutuma izina ryiwe ryezwa. (1 Kor. 3:9; 1 Pet. 1:15) Yehova abona ko igikorwa cacu co kwamamaza ari “ikimazi c’ishemezo,” akaba ari co gituma ubusuku turangura ari umuce uhambaye cane mu bijanye n’ugusenga kwacu.—Heb. 13:15.
3. Ni igiki gituma igikorwa co kwamamaza inkuru nziza kiba agateka gahambaye?
3 Kwamamaza inkuru nziza ni agateka gahambaye gaterwa abantu bake. Iyo abamarayika bahabwa ico gikorwa, bogikoze babigiranye umunezero kandi nta nkeka ko borororaniwe cane. (1 Pet. 1:12) Yamara, ako gateka gahimbaye ukuraho Yehova yahisemwo kugatera twebwe abantu bafise akanenge, abameze nk’“ivyombo vy’ivu.”—2 Kor. 4:7.
4. Dushobora gute kwerekana ko duha agaciro ubusuku turangura?
4 Ni co gikorwa kija imbere y’ibindi: Kubera ko duha agaciro vy’ukuri agateka twatewe, tubona ko ubusuku ari kimwe mu bintu “bihambaye kuruta ibindi” mu buzima bwacu. (Flp. 1:10) Ku bw’ivyo, buri ndwi turategekanya umwanya wo kubugiramwo uruhara. Umucuraranzi aha agaciro agateka yatewe ko gucuraranga mu mugwi rurangiranwa vyoba vyiza yiteguriye ibiteramo vyose uwo mugwi utunganya kandi akihatira kuryohora ubuhanga bwiwe. Na twebwe nyene, tuzokwitegura imbere yo kuja mu busuku kugira ngo dushobore ‘gukoresha neza ijambo ry’ukuri,’ twongere twihatire kuryohora “ubuhanga [bwacu] bwo kwigisha.”—2 Tim. 2:15; 4:2.
5. Ni nde aha agaciro ubusuku turangura?
5 Ntureke ngo kuba abantu benshi batakira neza ubutumwa tubashikiriza biguce intege. Uribuka ko mu cibare cacu hakiriyo abantu benshi botwakira neza igihe tubagendeye. Yamara, ntiturondera kwemerwa n’abantu. Ikintu gihambaye cane twitwararika ni ukuntu Yehova atubona, kandi araha agaciro cane utwigoro tugira tubigiranye umwete.—Yes. 52:7.