ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/11 rup. 1
  • Nufashe uwo muyaga kuzirikana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nufashe uwo muyaga kuzirikana
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ivyo bijanye
  • Nukurikize rya Tegeko ry’agakura mu busuku bwawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Ingene twovyifatamwo ku majambo yohava ahagarika ikiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gushikiriza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • ‘Nituduge kw’Ijambo!’
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
Igikorwa dukorera Ubwami—2011
km 10/11 rup. 1

Nufashe uwo muyaga kuzirikana

1. Uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kwamamaza ni ubuhe?

1 Muri ubu buryo bubiri bwo kwamamaza, ni ubuhe ari kirumara kuruta ubundi: Kwoba ari ukwemeza uwo tuyaga ivyo dusanzwe twemera canke kwoba ari ukumufasha kuzirikana kugira ashike ku ciyumviro c’ukuri? Igihe Paulo yaba ariko avugana n’Abayuda b’i Tesalonika, yarabafasha kuzirikana, ivyo bikaba vyatumye “bamwe muri bo bacika abemera.” (Ivyak. 17:2-4) None gufasha abandi kuzirikana bisaba iki?

2. Twokwigana gute Paulo igihe tubwira abandi inkuru nziza?

2 Rimbura ukuntu ivyabo vyifashe: Kugira ufashe abo mu cibare kuzirikana bisaba ko witwararika ukuntu babona ibintu. Igihe Paulo yashikiriza insiguro Abagiriki batizera ari muri Areyopago, yabanje kuvuga ibintu bashobora kuba bari basanzwe bazi kandi bemera. (Ivyak. 17:22-31) Rero, igihe witegura gushikiriza inkuru nziza, niwiyumvire ivyo abo mu cibare cawe bemera no ku vyiyumviro bitari vyo bafise. (1 Kor. 9:19-22) Uwo muyaga avyuye ibihari, gerageza kurondera ikintu muhurizako kibe ari co wubakirako ikiyago.

3. Tworushiriza gute kuvyifatamwo neza mu gufasha abandi kuzirikana dukoresheje ibibazo tubigiranye ubuhanga?

3 Koresha ibibazo ubigiranye ubuhanga: Ntidushobora gusigurira umuntu inzira yomushikana iyo agiye kandi tutazi aho asanzwe ari. Mu buryo nk’ubwo nyene, ntidushobora gufasha uwo tuyaga gushika ku ciyumviro c’ukuri kandi tutazi ivyiyumviro asanganywe. Imbere y’uko Yezu afasha uwaba ariko amwumviriza kuzirikana, kenshi yaramubaza ibibazo kugira amenye ivyiyumviro vyiwe. Nk’akarorero, igihe umuntu umwe yabaza Yezu ati: “Nokora iki ngo nze ntorane ubuzima budahera?”, Yezu yabanje kurondera kumenya ico uwo mugabo avyibazako imbere yo kumwishura. (Luka 10:25-28) Ikindi gihe, Petero yaratanze inyishu itari yo, maze Yezu abigiranye ubuhanga arakoresha ibibazo kugira akosore ivyiyumviro vyiwe. (Mat. 17:24-26) Igihe rero uwo tuyaga abajije ikibazo canke agatanga iciyumviro kitari co, turashobora gukoresha ibibazo vyomufasha kuzirikana.

4. Kubera iki twogerageza gufasha uwo tuyaga kuzirikana?

4 Igihe dufasha uwo tuyaga kuzirikana, tuba twiganye wa Mwigisha ahambaye Yezu n’abandi bamamaji b’inkuru nziza b’abahanga bo mu kinjana ca mbere. Tuba duteye iteka uwo tuyaga, tukaba kandi tumugaragarije icubahiro. (1 Pet. 3:15) Ivyo vyoshobora gutuma ashima ko tugaruka.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika