ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/11 rup. 1
  • Imbuto zitegerezwa kuvomerwa kugira zikure

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imbuto zitegerezwa kuvomerwa kugira zikure
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ivyo bijanye
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Kwandika ibijanye n’abashimishijwe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gucira inzira isubirayo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ni ryari twosubira kugendera abashimishijwe?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • “Sindasubira kumubona!”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2011
km 11/11 rup. 1

Imbuto zitegerezwa kuvomerwa kugira zikure

1. Ni ibiki bitegerezwa kuvomerwa kugira bikure?

1 Imbuto zabibwe mu murima zitegerezwa kuvomerwa kugira zikure. Ni ko biri no ku bijanye n’imbuto z’ukuri zibibwa mu mitima y’abantu bo mu cibare cacu. (1 Kor. 3:6) Kugira izo mbuto z’ikigereranyo zishinge imizi, zikure maze zisagambe, dutegerezwa gusubira kugendera abo twayaze tukazivomera dukoresheje Ijambo ry’Imana.

2. Twoshobora gute gucira inzira isubirayo?

2 Baza ikibazo: Igihe utegura ingene uza gushikiriza inkuru nziza, ubona gute uteguye n’ikibazo kivyura ugushimishwa woshobora kuzokwishura ugarutse? Nubaze ico kibazo murangije kuyaga n’umuntu ari ryo rya mbere, muce muvugana umusi uzogarukirako. Benshi basanga ari ngirakamaro guhitamwo iciyumviro co mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha kizobafasha kwerekana ingene inyigisho ya Bibiliya igirwa.

3. Ni amakuru ayahe ushobora kwandika ku bijanye n’uwashimishijwe?

3 Nugire utwo wanditse: Ukivana n’umuntu ugendeye ari bwo bwa mbere, nufate akanya ugire utwo wanditse. Niwandike izina ryiwe n’aho aba. Ni vyiza kandi ko wandika itariki n’isaha mwaganiriyeko, ivyo mwaganiriyeko be n’igitabu woba wamusigiye. Yoba yavuze ko ari mw’idini rinaka? Yoba afise umuryango? Yoba yavuze ivyo akunda n’ibimuraje ishinga? Ayo makuru azogufasha kumenya ivyo muzoyaga niwagaruka. Niwandike kandi igihe mwavuganye ko uzogaruka be n’ikibazo uzokwishura.

4. Kubera iki dukwiye kwumira kw’ibanga mu gukurikirana abashimishijwe?

4 Niwumire kw’ibanga: Shetani ntazogoheka; azoguma arondera ‘gutwara ijambo’ ryabibwe mu mutima w’umuntu. (Mrk. 4:14, 15) Rero nimba bikugora gusanga nya muntu yashimishijwe i muhira, ntuce uta hasi. Woba ushobora kumurungikira agakete canke ukagacisha munsi y’umuryango? Mushiki wacu umwe w’umutsimvyi yari yatanguye kwigana n’umugore umwe bahagaze imbere y’umuryango ariko ntiyongera kumusanga i muhira. Yaciye rero amurungikira agakete. Igihe amaherezo yamusanga i muhira, nya mugore yaravuze ko yakozwe ku mutima rwose n’ukuntu yamwitwararitse. Uko tuvomera imbuto z’ukuri, turashobora kwironkera umunezero wo kubona zinaga, zigakura, maze “[zi]kama incuro mirongo itatu, mirongo itandatu, n’ijana.”—Mrk. 4:20.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika