Imbuto zitegerezwa kuvomerwa kugira zikure
1. Ni ibiki bitegerezwa kuvomerwa kugira bikure?
1 Imbuto zabibwe mu murima zitegerezwa kuvomerwa kugira zikure. Ni ko biri no ku bijanye n’imbuto z’ukuri zibibwa mu mitima y’abantu bo mu cibare cacu. (1 Kor. 3:6) Kugira izo mbuto z’ikigereranyo zishinge imizi, zikure maze zisagambe, dutegerezwa gusubira kugendera abo twayaze tukazivomera dukoresheje Ijambo ry’Imana.
2. Twoshobora gute gucira inzira isubirayo?
2 Baza ikibazo: Igihe utegura ingene uza gushikiriza inkuru nziza, ubona gute uteguye n’ikibazo kivyura ugushimishwa woshobora kuzokwishura ugarutse? Nubaze ico kibazo murangije kuyaga n’umuntu ari ryo rya mbere, muce muvugana umusi uzogarukirako. Benshi basanga ari ngirakamaro guhitamwo iciyumviro co mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha kizobafasha kwerekana ingene inyigisho ya Bibiliya igirwa.
3. Ni amakuru ayahe ushobora kwandika ku bijanye n’uwashimishijwe?
3 Nugire utwo wanditse: Ukivana n’umuntu ugendeye ari bwo bwa mbere, nufate akanya ugire utwo wanditse. Niwandike izina ryiwe n’aho aba. Ni vyiza kandi ko wandika itariki n’isaha mwaganiriyeko, ivyo mwaganiriyeko be n’igitabu woba wamusigiye. Yoba yavuze ko ari mw’idini rinaka? Yoba afise umuryango? Yoba yavuze ivyo akunda n’ibimuraje ishinga? Ayo makuru azogufasha kumenya ivyo muzoyaga niwagaruka. Niwandike kandi igihe mwavuganye ko uzogaruka be n’ikibazo uzokwishura.
4. Kubera iki dukwiye kwumira kw’ibanga mu gukurikirana abashimishijwe?
4 Niwumire kw’ibanga: Shetani ntazogoheka; azoguma arondera ‘gutwara ijambo’ ryabibwe mu mutima w’umuntu. (Mrk. 4:14, 15) Rero nimba bikugora gusanga nya muntu yashimishijwe i muhira, ntuce uta hasi. Woba ushobora kumurungikira agakete canke ukagacisha munsi y’umuryango? Mushiki wacu umwe w’umutsimvyi yari yatanguye kwigana n’umugore umwe bahagaze imbere y’umuryango ariko ntiyongera kumusanga i muhira. Yaciye rero amurungikira agakete. Igihe amaherezo yamusanga i muhira, nya mugore yaravuze ko yakozwe ku mutima rwose n’ukuntu yamwitwararitse. Uko tuvomera imbuto z’ukuri, turashobora kwironkera umunezero wo kubona zinaga, zigakura, maze “[zi]kama incuro mirongo itatu, mirongo itandatu, n’ijana.”—Mrk. 4:20.