Kamere ihambaye kuruta izindi zose iranga umwigisha mwiza
1. Kamere ihambaye kuruta izindi zose iranga umwigisha mwiza ni iyihe?
1 Ni igiki gituma umuntu aba umwigisha wa Bibiliya mwiza? Ni amashure? Ni utuntu n’utundi azi? Ni ububangukirwe mvukanwa? Mu vy’ukuri, ni ya kamere nyene rya Tegeko rirangukiramwo, imwe iranga abigishwa ba Yezu, ikaba ari na yo kamere nyamukuru kandi ihimbaye kuruta izindi zose Yehova afise. (Yoh. 13:35; Gal. 5:14; 1 Yoh. 4:8) Ni urukundo. Abigisha beza baragaragaza urukundo.
2. Kubera iki bihambaye cane ko dukunda abantu?
2 Nukunde abantu: Wa Mwigisha ahambaye, Yezu, yarakunda abantu, ivyo bikaba vyaratuma bamwumviriza. (Luka 5:12, 13; Yoh. 13:1; 15:13) Nimba twitaho abantu, tuzovuga inkuru nziza igihe cose akaryo kabonetse. Intambamyi nk’uruhamo canke ukutanegwa inkuru nziza ntizizoduca intege. Tuzokwitwararika tubikuye ku mutima abo tubwira inkuru nziza twongere tubayagishe dufatiye ku bibaraje ishinga. Tuzogira umutima ukunze wo gufata umwanya wo kubitaho, atari gusa igihe turi kumwe n’umwe wese mu batohoji ba Bibiliya, ariko kandi n’igihe twitegurira imbere y’igihe kwigana n’umwe wese muri bo.
3. Gukunda ukuri kwo muri Bibiliya bizodufasha gute mu busuku?
3 Nukunde ukuri kwo muri Bibiliya: Yezu yarakunda kandi ukuri kwo muri Bibiliya, akakubona nk’itunga. (Mat. 13:52) Nimba dukunda ukuri, tuzovugana igishika, kandi ivyo birashobora gutuma abatwumviriza baryoherwa n’ivyo tubabwira. Urwo rukundo ruzodufasha kwibanda ku makuru y’agaciro dushikiriza aho kwibanda ku vyo tudashoboye, ivyo bikaba rero vyoshobora gutuma tudahagarika umutima cane mu busuku.
4. Twotsimbataza gute urukundo?
4 Nutsimbataze urukundo: Twotsimbataza gute ugukunda abantu? Mu kuzirikana ku rukundo Yehova n’Umwana wiwe bagaragaje no ku kuntu abantu bo mu cibare cacu bamerewe nabi mu vy’impwemu. (Mrk. 6:34; 1 Yoh. 4:10, 11) Tuzorushiriza gukunda ukuri kwo muri Bibiliya mu gihe twama twiyigisha twongera tuzirikana. Urukundo ni umuce w’icamwa c’impwemu. (Gal. 5:22) Turashobora rero gutakambira Yehova tumusaba ngo aduhe impwemu nyeranda yongere adufashe kurushiriza kugira urukundo. (Luka 11:13; 1 Yoh. 5:14) Twaba twarize canke tutize, twaba duciye uruma mu kuri canke tutaraca uruma, twaba dufise ububangukirwe mvukanwa canke tutabufise, turashobora kuba abigisha kirumara ba Bibiliya mu kugaragaza urukundo.